Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Emmanuel Macron yatsinze uwo bahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Emmanuel Macron yatsinze uwo bahiganwa

Ubufaransa : Emmanuel Macron yatsinze uwo bahiganwa

dimanche 7 Rusama 2017, par Jean de Dieu M.

Ahejeje gutorwa, umukuru w’igihugu mushasha w’Ubufaransa, Emmanuel Macron w’imyaka 39, yashikirije ko ari iteka rikomeye hamwe n’amabanga akomeye, kubona atorewe kuyobora Abafaransa.Yashimiye abamwizeye bakamuhunda amajwi.

Yiyemeje kwubahiriza ubumwe bw’Abafaransa, hamwe n’ugukomeza umutekano w’ico gihugu.

Emmanuel Macron yavuze kandi ko azorwanira iteka ry’igihugu ciwe, kugira isanamu yaco igume ari nziza mu makungu, yongere akomeze ubucuti bw’Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya.

Mu gihe igihugu c’Ubufaransa kimaze iminsi cibasiwe n’ibitero vy’iterabwoba ry’abihevyi, Emmanuel Macron yamenyesheje ko igihugu arongoye kigiye gufata iya mbere, mu kurwanya iterabwoba yaba ku butaka bw’ico gihugu canke ahandi hose kw’isi.

Emmanuel Macron abaye umukuru w’igihugu w’umunani atwaye Ubufaransa. François Hollande yahora aramutswa ico gihugu yakeje uwo agiye kumusubirira. N’uwahiganwa na Macron, ariwe Marine Le Pen yamukeje, yemera ko yatsinzwe, amwipfuriza kuroranirwa n’ukuzoshobora gutora inyishu y’ibibazo igihugu c’Ubufaransa gifise.

Abafaransa bitavye ayo matora ku bice 75,9 kw’ijana.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.