Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Ubutungane bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye (...)
Ubufaransa : Ubutungane bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye igihugu
mercredi 8 Ruhuhuma 2017
Ubutungane bw’Ubufaransa bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye ico gihugu kugira asigure ingene yakoresheje amafaranga agenewe kwiyamamaza mu mwaka w’i 2012.
Nicolas Sarkozy yagirizwa ko hari amafaranga yakoresheje yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu kandi atabirekuriwe n’amategeko. Yagirizwa ko yoba hari imiliyoni 18 z’ama Euros yanyegeje ku ma konte atazwi.
Amahera imiliyoni 18 euros (imiliyoni $20) niyo akurikiranwako, yoba yaranyegejwe ku ma konte atazwi.
Nicolas Sarkozy yahoze arongoye igihugu c’Ubufaransa arabhakana ivyo yagirizwa, avuga ko atazi ko yarengeje ayo arekuriwe n’amategeko.
Ni yaramuka yagiriwe n’icaha, uwo mukuru w’igihugu c’Ubufaransa wa kera, ashobora guciribwa gupfungwa umwaka umwe akariha kandi ihadabu ry’amafaranga 3750 vy’amaeuro.
IGIHE
Messages
10 Ruhuhuma 2017, 09:58, par BARUWANE
yarayamaze nimurabe ahanwe bikwiye