Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabon : Sentare yemeje ko Ali Bongo ariwe yatsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Sentare yemeje ko Ali Bongo ariwe yatsinze amatora

Gabon : Sentare yemeje ko Ali Bongo ariwe yatsinze amatora

samedi 24 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Gabon yemeje ko umukuru w’igihugu Ali Bongo Ondimba ariwe yatsinze amatora. Iyo sentare yiyamirije ivyari vyashikirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ko amatora yibwe.

Amajwi ya Ali Bongo yongerekanye

Iyo sentare yamenyesheje kandi amajwi mashasha y’ivyavuye muri ayo matora hagati ya babiri bari bahanganye. Abacamanza ba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bemeje ko Ali Bongo yatsinze n’amajwi 50.66 kw’ijana, mu gihe Jean Ping yabwiwe ko yatahukanye amajwi 47.24 kw’ijana.

JPEG - 64.6 ko
Abagize sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Gabon

Imbere y’aho kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro, umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora wari wamenyesheje ko Ali Bongo w’imyaka 57 yatsinze amatora n’amajwi 49, 80 kw’ijana mu gihe Jean Ping bari bahanganye yatahukanye ikibanza ca kabiri n’amajwi 48, 23 kw’ijana.

Iyo ngingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yari irindiranwe igishika cinshi, abatari bake bakabona ko ukwo kwemeza intsinzi ya Ali Bongo bishobora gukomeza umurindi w’ubugizi bwa nabi bwari bwatanguye, mu mishamirano y’abajejwe umutekano hamwe n’abatemera ivyavuye mu matora.

Reta ya Gabon yavuze ko nihagira ubugizi bwa nabi buba, vyose bitegerezwa kubazwa Jean Ping atavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abanyagihugu batanguye kuva kuri uwu wa gatanu kubika ibiribwa mu ngo zabo, abandi benshi bakaboneka batonze imirongo ku mabanki bagiye kurondera amafaranga. Ubuserukizi bw’Ubufaransa muri Gabon bwasavye abanyagihugu b’Abafaransa baba muri ico gihugu kudasohoka mu nzu.

Robert Gerenge, umukuru w’ikigo cishinze gukurikirana amatora na demokrasi muri Afrika (Electoral Institute for Sustainable Democracy in Africa) yari yamenyesheje ko mu gihe ivyavuye mu matora vyohinduka, umukuru w’igihugu Ali BONGO akabwirwa ko yatsinzwe na Jean Ping, buzoba bubaye ubwa mbere sentare ihakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu muri Afrika, ikemeza ko uwuri ku butegetsi yatsinzwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.