Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia : Abanyagihugu bari mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Abanyagihugu bari mu matora

Gambia : Abanyagihugu bari mu matora

jeudi 1er Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu bo muri Gambia bari mu matora y’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kane, Adama Barrow akaba ahanganye n’umukuru w’igihugu Yahya Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi.

Imigambwe nka yose itavuga rumwe na Reta iri inyuma ya Barrow muri ayo matora ahanganyemwo na Jammeh avuga ko igitangaro c’Imana kizomuha ikiringo ca gatanu.

Mu gihugu ca Gambia ntiharigera hahererekanywa ubutegetsi biciye mu matora kuva kironse intahe yo kwikukira, cigobotoye mu minwe y’Ubwongereza, mu mwaka w’1965.

Abahagarikiye amatora bavuga ko Barrow, yigeze kuba ajejwe umutekano mu mangazini ya Argos mu Bwongereza, yahaye icizere benshi mu batavuga rumwe na Reta.

BBC ivuga ko imigwi iharanira agateka ka zina muntu yagiriza umukuru w’igihugu Jammeh, ko yigeze kuvuga ko yovura sida n’ubugumba, gukubagura no gucinyiza abantu.

Benshi mu bakuru b’imigambwe itavuga rumwe na Reta izwi cane bari mw’ibohero inyuma y’aho bagiriye imyiyerekano mu kwezi kwa kane.

Indorerezi z’ibihugu vya Buraya hamwe n’abo mw’ishirahamwe rya Ecowas ntibakurikiranye ayo matora.

Ariko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryarungitse indorerezi ziri ku rushi kuyakurikirana.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.