Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Abasirikare ba CEDEAO bashitse gucungera umutekano
Gambia: Abasirikare ba CEDEAO bashitse gucungera umutekano
lundi 23 Nzero 2017
Abasirikare b’ishirahamwe ry’ubutunzi bw’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Uburengero CEDEAO bari mu gihugu ca Gambia mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu, no gufasha umukuru w’igihugu Adama Barrow gushikira neza amabanga yo kurongora igihugu.
Umukuru w’abasirikare ba CEDEAO François Ndiaye,amenyesha ko mu gihugu ca Gambia bazofasha gucungera umutekano w’ibice bikomakomeye, hamwe no gufasha umukuru w’igihugu mushasha gutangura aneza amabanga yo kurongora igihugu.
Amakuru ava mu gihugu ca Gambia amenyesha ko gushika ubu,haba ku ruhande rw’abasirikare ba Gambia canke ku ruhande rw’abasirikare ba CEDEAO ata musirikare arasohora urusase ngo arase.
Hategekanijwe ko abasirikare 7000 barungitswe n’ishirahamwe CEDEAO aribo bazofasha gucunga umutekano mu gihugu ca Gambia.
IGIHE