Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba CEDEAO biteguye kwinjira muri Gambia
Abasirikare ba CEDEAO biteguye kwinjira muri Gambia
jeudi 19 Nzero 2017
Abasirikare bava mu bihugu bigize ishirahamwe riraba ivy’ubutunzi mu karere ka Afrika y’Uburengero CEDEAO bari ku mipaka ya Gambia,inyuma yabo umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora na Adama Barrow yankiye kuva ku butegetsi.
Col. Seydou Maiga Moro ava mu gihugu ca Senegal ari nawe arongoye abo basirikare,amenyesha ko abasirikare bose biteguye kwinjira mu gihugu ca Gambia mu gihe ata nyishu yoboneka ngo Yahya Jammeh ave ku butegetsi.
Ku ruhande rw’isirikare ca Gambia ,umukuru w’abasirikare Ousman Badjie yavuze ko abasirikare biwe batazogwana n’abasirikare b’igihugu ca Senegal ni baramuka binjiye mu gihugu. Yavuze ko ibibera mu gihugu ca Gambia ari impari za politike, kandi ko adashobora kurungika abasirikare biwe akunda mu ngwano idafise insiguro.
Bitegekanijwe ko Yahya Jammeh ava ku butegetsi kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017,inyuma yo gutsindwa na Adama Barrow mu matora yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2017.
Yahya Jammeh yagiye ku butegetsi mu mwaka wa 1994.
IGIHE
Messages
19 Nzero 2017, 17:55, par joaquim
nahabandibatware,basabikanye,iyisitwayisanzehokandituzoyisigaho!
19 Nzero 2017, 18:03, par SUGURU SEBASTIEN
UWO ARAGOWE PE! NUKO AGOMBA GUKWEGERA ABASODA ATACO BAZIRA!
20 Nzero 2017, 06:44, par Nzeyimana John
Muzomufatishe amaboko agende kwishura amabi yakoreye abenigihugu biwe.
20 Nzero 2017, 06:49, par Nzeyimana John
Muzomufatishe amaboko agende kwishura amabi yakoreye abenigihugu biwe.
20 Nzero 2017, 13:06, par africa
kubitiyo muhimbiri arikwateza ubuhimbiri igihugu ciwe
20 Nzero 2017, 20:42, par aimable
Nimba koko yaratsinzwe nahebe ivyubutegetsi atngakarorero keza.nimba harivyahayakoze vyoba vyiza asavye imbabazi