Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia: Adama Barrow amenyesha ko bidakenewe ko Yahya Jammeh (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Adama Barrow amenyesha ko bidakenewe ko Yahya Jammeh (...)

Gambia: Adama Barrow amenyesha ko bidakenewe ko Yahya Jammeh ahunga

vendredi 13 Nzero 2017

Umukuru w’igihugu yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia Adama Barrow amenyesha ko Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora ariko agahakana ivyayavuyemwo,bidakenewe ko arondera ubuhungiro, kandi ko yizeye ko haba ibiganiro vyo vyo gutora inyishu y’ayo matati.

Adama Barrow yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri Gambia mu kwezi kwa Kigarama 2016,yabwiye BBC ko yizeye ko ashobora gushikirizwa ubutegetsi mu ndwi iza n’aho uwo barushanwa yanse kuva ku butegetsi.

Ikiringo ca Yahya Jammeh kizohera ku wa gatatu w’indwi iza, ariko ashaka ko ivyavuye mu matora bifutwa inyuma y’aho umurwi ujejwe gutegura amatora, uhinduriye bimwe mu biharuro vyayavuyemwo ukavuga ko ata ngaruka vyagize ku vyari vyashikirijwe ubwa mbere.

Yahya Jammeh yari yabanje kwemera ko yatsinzwe mu matora yo kw’igenekerezo rya 1 Kigarama umwaka wa 2016, yari yafashe ubutegetsi ku nguvu mu mwaka w’1994, kandi akaba yagirizwa uguhonyanga agateka ka zina muntu, n’aho yagumye ategura amatora uko bitegekanijwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.