Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Igisirikare cakuye amaboko ku mukuru w’igihugu Jammey
Gambia : Igisirikare cakuye amaboko ku mukuru w’igihugu Jammey
jeudi 19 Nzero 2017, par
Igisirikare ca Gambia camenyesheje ko kitazokwemera gutana mu mitwe n’ingabo z’ibihugu bizoba bije gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Yahya Jammey aheruka gutsindwa mu matora, ariko akigumiza ku butegetsi.
- Ousman Badjie, umukuru w’ingabo za Gambia
Adama Barrow yatsinze Jammey mu matora mu kwezi guheze, yategerezwa kurahizwa nk’umukuru w’igihugu mushasha kuri uwu wa kane, ariko umukuru w’igihugu yatsinzwe, Yahya Jammeh ntiyitayeho ivy’iryo sango.
Ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero vyamaze kumenyesha ko vyiteguye gukoresha inguvu za gisirikare kugira uwo yihagiye ubutegetsi abusubize.
BBC ivuga ko ingabo za Senegal zagavye magabo ku rubibe rwa Gambia, naho ikiringo cuko Jammeh arekura ubutegetsi carenze kuva isaha zitandatu z’ijoro.
Umugambi wo gukoresha inguvu za gisirikare ushigikiwe na Nigeria hamwe n’ibindi bihugu vyo mu karere.
Ku rundi ruhande umukuru w’ingabo za Gambia, Ousman Badjie yavuze ko abasirikare biwe batazogwana n’aba Senegal ni baramuka binjiye mu gihugu, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru AFP ryabimenyesheje.
Yagize ati : "Igisirikare ntikizokwinjira muri ivyo bintu, izo ni impari za politike. Sinzorungika abasirikare banje mu ngwano idasobanutse. Ndakunda abantu banje."
IGIHE
Messages
19 Nzero 2017, 11:57, par Kararuza
Bitarenze mukwezi kw’Umunani na Peter Nkurunziza niko bizogenda
19 Nzero 2017, 13:52, par Alain Nyabenda
Natwe nibaturungikire CEDEAO ituvaneko runo rusyo kwijosi nayo EAC yayo yigira zimuza zimza.
19 Nzero 2017, 15:22, par Issa
Ahubwo ni bamucakire bamutware i la Haye,murabona iyo sema,Peter nawe ngo yari yaronse uwumushigikira bose n’abasazi basa n’uyu twabuze uwumudukurako batinye imbonerakure ko zoca zikoresha imipanga n’ubufuni zikirara mu nzirakarengane kubera inyigisho mbi zahawe n’uyo mugabo
19 Nzero 2017, 15:43, par Reuerien
Narekur Igihugu Siciwiw Gus N,aband Baragikenye
19 Nzero 2017, 16:52, par Ndabaza
@Kararuza
Sha! Kwidigadiga birarhoha! Haheze amezi angahe uvuga ngo ariko atera igere ryanyuma? Ubwo siwewe wariko uraritera?
19 Nzero 2017, 20:11, par Christian
ntimumunyareko nkurunziza arabarucha politike
19 Nzero 2017, 20:16, par christian
KARARUZA NTIMUKORAKO ARABARUCHA POLITIKE PETERO NKURUNZIZA
19 Nzero 2017, 21:26, par Bonifasi
Abantu Nkabo Ntibakenewe Naleke Abandi Bayobole Kuko Yalatsinzwe
20 Nzero 2017, 04:23, par Kanyosha
@Karanuza, bazokuraho H.E. Nkurunziza, bacebashirahonde yatanze mumatora.
20 Nzero 2017, 06:55, par Bitangimana Richard
Mbe basha aba président bomuri african babaye gt?aho uw6mugabo yorekura ubutegetsi yoba iki?aho ashaka ko amaraso arinda guseseka kugira aveko?jewe nomuhanura ko yovako kuneza akareka uwamutsinze agatwara.
20 Nzero 2017, 12:52, par africa
ousman urumugabo pee kand urumusirikare ukwiye kogezwamapete atagirikwagana kuko urabikwiye kubushigantahe werekanye.ess cedeao yoba ubumw bwa afrika twobahubuzima bwiza
20 Nzero 2017, 18:59, par Kabura
Nn ivyo vyabaye muri Gambia kuberiki bitari kuba ni Burundi NGO amakungu ahaguruke nkuko? Atamaraso asesetse nuko muburundi ?