Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia:Ishirahamwe CEDEAO risaba Yahya Jammeh gukinjura ku (...)
Gambia:Ishirahamwe CEDEAO risaba Yahya Jammeh gukinjura ku butegetsi
samedi 14 Nzero 2017
Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’uburengero bahuriye mw’ishirahamwe CEDEAO basaba umukuru w’igihugu ca Gambia Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa kigarama 2016,gukinjura ku butegetsi.
Abo bategetsi bo mw’ishirahamwe CEDEAO ry’ibihugu vya Afrika y’uburengero, bagabisha umukuru w’igihugu Yahya Jammeh ko rizokoresha inguvu za gisirikare,mu gihe Yahya Jammeh yoba atarava ku butegetsi mu minsi itandatu iri imbere.
Ibihumbi vy’abanye Gambia baramaze guhungira mu bihugu bihana imbibe na Gambia nka Senegal na Guinea-Bissau, batinya intambara zishobora kwaduka muri ico gihugu.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rivuga ko ritazokwemera umukuru w’igihugu Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu, ikiringo ciwe nicahera.
IGIHE
Messages
14 Nzero 2017, 12:44, par Alain Nyabenda
None Yahya Jammeh yashigikiye umukuru w’igihugu cacu muri UA, ntakuntu Pita yomurungikira abasoda bokumukingira akikurako abo basoda ba CEDEAO basi bitakunze akarungika IMBONERAKURE. Vyofasha kabisa. Erega Gambia yabikubwiyeko ko bavyibaza!!!!!!!!!!!
14 Nzero 2017, 20:15, par INTAGOHEKA
NIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMNIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMUGENZI
14 Nzero 2017, 20:17, par INTAGOHEKA
NIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMNIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMUGENZI
14 Nzero 2017, 21:32, par africa
abakuru bibihugu vyafrika yuburengero nabagabo pee sinka estafrika yacu. nimukomere kumuheto murabashinkantahe mubikwiye ese africa yokwamuku twobaturi muriparadizo.nimwirambire banyakubahwa komera kabisa
16 Nzero 2017, 08:29, par Ntakirutimana AL Joel
Nimukubite iyo ntumva yumuperezida adashoboka, umwe niwe yavuze ngugutwe kwimpene kwumva kwokejwe. Nawe azokumva aruko ibombe imusabije umutwe, na Nkurunziza yarakwiye gufatirwa ingingo nkiyo uwomwicanyi.