Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe (...)

Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe ubutegetsi

lundi 16 Nzero 2017

Umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia gushika umunsi wo gushikirizwa ubutegetsi.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Senegal rivuga ko umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall, yemeye kwakira Adama Barrow i Dakar, gushika igihe azoshikirizwa ubutegetsi kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2017.

Avugira mu nama yahuje Afrika n’Ubufaransa i Bamako, umukuru w’igihugu ca Mali Ibrahim Keita yasavye Yahya Jammeh kuva ku butegetsi kugira amaraso ntaseseke, aca asaba ko hokoreshwa ubwitonzi bwamye buranga Afrika.

Adama Barrow, yatsinze Jammeh mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa Kigarama 2016, yahamagawe mu nama yahuza Afrika n’Ubufaransa nk’umukuru w’igihugu.

Ishirahamwe ryo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwemeza ko haba abasirikare baja kumukura ku butegetsi mu gihe hatoba ibisikanya ku butegetsi ku musi wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.