Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Ubutegetsi bwugaye iradiyo yigenga Teranga FM
Gambia: Ubutegetsi bwugaye iradiyo yigenga Teranga FM
mardi 3 Nzero 2017
Abategetsi bo mu gihugu ca Gambia batanze itegeko ryo kwugara iradiyo Teranga FM ikundwa cane n’abanyagihugu ikaba ishikiriza ibiganiro bidashigikiye umukuru w’igihugu Yahya Jammeh.
Nkuko bishikirizwa na Emil Touray arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru muri Gambia,abarongozi b’urwego rw’iperereza mu gihugu ca Gambia nibo batanze itegeko ryo kwugara iyo radiyo ata nsiguro zitanzwe.
Umwe mu bakozi ba Treranga FM yavuze ko ibigo bine bijejwe iperereza muri Gambia biri kumwe n’igipolisi aribo bagiye kwugara iradiyo Teranga FM.
Kuva umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yanse kwemera ivyavuye mu matora yabaye kw’igenekerezo rya mbere Kigarama agatsindwa na Adama Barrow ,ibaye iradiyo ya mbere yugawe idashigikiye ubutegetsi bwa Yahya Jammeh.
Jammeh yafashe ubutegetsi mu 1994 atembagaje ubutegetsi.
IGIHE
Messages
3 Nzero 2017, 16:40, par Alain Nyabenda
None muri Gambia barafise imbonerakure? Nibamureke atware vyanse yishingire imbonerakure made in Gambia bace bakorana nabajejwe umutekano urabe ko adatwara mandats 15