Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto yashigikiye Yahya (...)
Gambia: Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto yashigikiye Yahya Jammeh
jeudi 5 Nzero 2017
Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mu gihugu ca Gambia Gen Ousman Badjie yamenyesheje ko ashigikiye umukuru w’igihugu Yahya Jammeh aheruka gutsindwa amatora y’umukuru w’igihugu.
Mu butumwa bwo kwipfuriza umwaka mushasha Yahya Jammeh, Gen Ousman Badjie yamenyesheje ko igisirikare ca Gambia gishigikiye Yahya Jammeh.
Naho Adama Barrow yatsinze amatora nkuko vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora,yarondeye Gen Ousman Badjie ngo amushigikire, si irya mbere uwo mu general yerekanye ko ashigikiye Yahya Jammeh.
Naho biri ukwo, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere k’Uburengero bwa Afrika vyaramze kumenyesha ko vyanse ku neza, bishobora gukoresha inguvu za gisirikare mu gukura Yahya Jammeh ku butegetsi.
IGIHE
Messages
5 Nzero 2017, 14:45, par Kararuza
Uyu na shebuja wiwe Jammeh ntibamara kabiri batarashwe n’ingabo za ECOWAS
5 Nzero 2017, 19:41, par Daniela
Mbuze,kamwe,yabuze,imbwa,ararira.Nave,kubutegetsi,bwabandi,canke,azobe,nka,kadafi,wa,ribiya.Urafyina,kuri,otan