Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia: Umukuru w’igihugu yagenye umukenyezi kuba icegera ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Umukuru w’igihugu yagenye umukenyezi kuba icegera ciwe

Gambia: Umukuru w’igihugu yagenye umukenyezi kuba icegera ciwe

mardi 24 Nzero 2017

Prezida wa Gambia Adama Barrow yagenye umupfasoni azwi cane yigeze kuba somambike wa prezida Yahya Jammeh, imbere y’uko yifatanya n’imigambwe imugwanya imbere y’amatora, kuba icegera ciwe.

Uwo mukenyezi yagenywe mu mabanga yo kuba icegera c’umukuru w’igihugu azwi kw’izina rya Fatoumata Jallow-Tambajang ,yarifatiye mu gahanga uwahora atwara igihugu Yahya Jammeh avuga ko azomwitwarira.

Naho biri ukwo, hari abamaze gushikira amakenga bafise kuri uwo mukenyezi,aho bavuga ko bafatiye ku myaka y’amavuka afise atari akwiye kugenwa muri ayo mabanga.

Fatoumata Jallow-Tambajang yarigeze kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu ku butegetsi bwa Yahya Jammeh, ariko yahavuye ahunga igihugu ahejeje kuvavanura na Yahya Jammeh yatwara igihugu.

Fatoumata Jallow-Tambajang yabaye inkingi ikomeye yo gushira hamwe abatavuga rumwe na Yahya Jammeh batahukanye intsinzi kw’igenekerezo rya 1 Kigarama umwaka wa 2016,yabaye kandi uwa mbere kumubwira ko azomwitwarira ku bikorwa bibi vyaranze intwaro yiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.