Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia: Umukuru w’igisirikare yirukanywe muri ayo mabanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Umukuru w’igisirikare yirukanywe muri ayo mabanga

Gambia: Umukuru w’igisirikare yirukanywe muri ayo mabanga

mardi 28 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’igihugu ca Gambia Adama Barrow arabandanya igikorwa co gusambura ubutegetsi bwa Yahya Jammeh. Adama Barrow yirukanye mu mabanga yo kuba umukuru w’abasirikare General Ousman Badjie .

General Ousman Badjie yari yabaye umukuru w’abasirikare kuva mu mwaka wa 2012 ku butegetsi bwa Yahya Jammeh aheruka gutsindwa mu matora aca ahungira mu gihugu ca Guinee Equatoriale.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Gambia amenyesha ko kuba General Ousman Badjie yirukanywe muri ayo mabanga ata gitangaza kirimwo kuko yagumye yerekana ko ashigikiye Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora.

Iradiyo y’abafaransa RFI imenyesha ko mu mezi abiri igihugu ca Gambia kiri mu ndyane za politike, General Ousman Badjie yemereye imbere y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Uburengero ko afise umuyobozi umwe gusa Yahya Jammeh.

Amakuru ava mu bimenyeshamakuru vyo muri Gambia amenyesha ko général Massaneh Kinteh ariwe ashobora gusubirira General Ousman Badjie mu mabanga yo kuba umukuru w’abasirikare, Ousman Badjie nawe akarungikwa guserukira igihugu mu makungu.

Ikurwa mu mabanga rya General Ousman Badjie rije rikurikira ihagarikwa rya Yankuba Badjie yahora arongoye igendereza mu gihugu ca Gambia ,ku butegetsi bwa Yahya Jammeh.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.