Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia: Yahya Jammeh yavuze ko ata mucamanza yocira urubanza umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Yahya Jammeh yavuze ko ata mucamanza yocira urubanza umukuru (...)

Gambia: Yahya Jammeh yavuze ko ata mucamanza yocira urubanza umukuru w’igihugu

mercredi 11 Nzero 2017

Sentare nkuru mu gihugu ca Gambiya yabuze abacamanza bokwumviriza urubanza rw’umukuru w’igihugu Yahaya Jammeh ku matora yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2016.

Vyari bitegekanijwe ko urwo rubanza rwumvirizwa kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Nzero 2017,ariko rwungururijwe mu kwezi kwa Rusama 2017.

Igihe amatora yaba,Sentare nkuru yari ifise umucamanza umwe gusa. Ubu bamaze kwikora ku bacamanza bava mu bihugu bibanyi ariko abacamanza bava muri ivyo bihugu bamenyesheje ko bazoronka umwanya mu kwezi kwa Rusama 2017.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yaramaze gutanga imihoho kubera adashigikiye ingingo ya Yahya Jameh yo kuguma ku butegetsi kandi yaratsinzwe mu matora.

Umushikiranganji mushasha wo kumenyesha amakuru yavuze ko igikorwa cose kizokorwa co kurahiza Adama Barrow nk’umukuru w’igihugu yatsinze amatora kizoba kinyuranye n’ibwirizwa nshingiro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.