Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Yahya Jammeh yavuze ko ata mucamanza yocira urubanza umukuru (...)
Gambia: Yahya Jammeh yavuze ko ata mucamanza yocira urubanza umukuru w’igihugu
mercredi 11 Nzero 2017
Sentare nkuru mu gihugu ca Gambiya yabuze abacamanza bokwumviriza urubanza rw’umukuru w’igihugu Yahaya Jammeh ku matora yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2016.
Vyari bitegekanijwe ko urwo rubanza rwumvirizwa kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Nzero 2017,ariko rwungururijwe mu kwezi kwa Rusama 2017.
Igihe amatora yaba,Sentare nkuru yari ifise umucamanza umwe gusa. Ubu bamaze kwikora ku bacamanza bava mu bihugu bibanyi ariko abacamanza bava muri ivyo bihugu bamenyesheje ko bazoronka umwanya mu kwezi kwa Rusama 2017.
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yaramaze gutanga imihoho kubera adashigikiye ingingo ya Yahya Jameh yo kuguma ku butegetsi kandi yaratsinzwe mu matora.
Umushikiranganji mushasha wo kumenyesha amakuru yavuze ko igikorwa cose kizokorwa co kurahiza Adama Barrow nk’umukuru w’igihugu yatsinze amatora kizoba kinyuranye n’ibwirizwa nshingiro.
IGIHE