Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambiya : Bamwe mu banyagihugu batanguye gusaba ko Yahya Jammeh (...)
Gambiya : Bamwe mu banyagihugu batanguye gusaba ko Yahya Jammeh ahagarikwa
mardi 24 octobre 2017
Ibikorwa vyo gusaba ko Yahya Jammeh ahagarikwa vyatanguye kuwa gatandatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017 ku murwa mukuru w’igihugu ca Gambiya Banjul, bikaba vyari vyitabwe n’abari mu mashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu yo mu gihugu n’ayo mu makungu.
Amakuru dukesha ikinyamakuru jeuneafrique amenyesha ko Yahya Jammeh yagirizwa ubwicanyi bwabaye kuva mu mwaka w’1994 gushika mu mwaka w’2017 bugahitana abatavuga rumwe nawe,gutanga ibihano bidakurikije amategeko hamwe no gusinzikaza agateka ka zina muntu n’ibindi.
Iradiyo Ijwi rya Amerika ivuga ko abasaba ko ahagarikwa bipfuza ko ajanwa mu gihugu ca Gambiya aho yagirizwa ko yakoreye ivyaha.
Yahya Jammeh yahungiye mu gihugu ca Guinée Equatoriale mu kwezi kwa mbere 2017,inyuma yo gutsindwa na Adama Barrow mu matora y’umukuru w’igihugu hanyuma agahakana ivyavuye mu matora, agahava agondozwa n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Uburengero CEDEAO.
MUGISHA Van Naris