Accueil > Amakuru > Poritike > Gashatsi : "Igikorwa co kwiyunga kigeze ku ntambwe ishimishije"
Gashatsi : "Igikorwa co kwiyunga kigeze ku ntambwe ishimishije"
lundi 13 Ruhuhuma 2017
Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko hari abanywanyi b’umugambwe bari bahevye umugambwe bamaze gusaba ko bosubira kwakirwa kandi bakiriwe.
Abel GASHATSI arongoye umugambwe UPRONA avuga ko mu bamaze gusaba kugaruka mu mugambwe ari abari bagiye mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, mu matora yo mu mwaka wa 2015.
Umukuru w’umugambwe UPRONA amenyesha koyamaze kuvugana n’abahoze barongoye umugambwe UPRONA kugira bafashe mu gikrwa co gusubiza hamwe abanywanyi b’umugambwe UPRONA.
Abel GASHATSI arongoye umugambwe UPRONA amenyesha ko yizeye ko mu ntara zose z’igihugu ,igikorwa co gusubiza hamwe abanywanyi b’umugambwe UPRONA kizoshoboka.
IGIHE
Messages
13 Ruhuhuma 2017, 20:38, par eloge
mubanze mubabaz icar catumy bagend
13 Ruhuhuma 2017, 21:36, par Athanas
Nn nkahamwe nyakwigendera umuganwa atari umugani nyenicubahiro Louis RWAGASORE mworonka ahomukwirwa?umugambwe muragiye ngaho muranyenyaguyeee!ariko muribagira ko arimpfura y’iyindi migambwe?ariko mupfiki?
14 Ruhuhuma 2017, 05:45, par .
Nukuri iyonkiru ivuzwe kumugambwe UPRONA iranezereje,
Ubundarindiriye kuzokwumva iyindinkuru nkiyo kuba FNL,
Canke FRODEBU.
14 Ruhuhuma 2017, 08:06, par TWIZEYE
N’INDA NDENDE YABITEYE
14 Ruhuhuma 2017, 08:06, par barajos
Reka kwidigadiga mbega uwoza muri uprodd yoba aje kuharondera iki? Ni mw’ibuye mukwaha munuranure muhore
14 Ruhuhuma 2017, 08:32, par MURUNDI NYAKURI
REKA GUHENDA ABARUNDI SHA!