Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abagirizwa igitero c’I Bugendana baciriwe ibihano na sentare (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abagirizwa igitero c’I Bugendana baciriwe ibihano na sentare (...)

Gitega : Abagirizwa igitero c’I Bugendana baciriwe ibihano na sentare y’intara

jeudi 14 juin 2018

Abo bahawe ivyo bihano ni Caporal Emmanuel NGENDANZI, umwigeme Emilienne NAHIMANA, yagirijwe kuba yaragize uruhara mu gitero, hamwe na Joseph BANRYAMBONA yagirijwe kuvuga amajambo atera ubwoba.

Hejuru yo gupfungwa, Emmanuek NGENDANZI yaciriwe gutanga kandi imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi nk’indishi y’umubabaro ku muvyeyi wa Corneille NDIKUMANA yitavye Imana muri ico gitero, Joseph BANRYAMBONA nawe acibwa gutanga ihadabu y’ibihumbi 50 vy’amarundi atayaronse agapfungwa amezi atatu.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 31 Rusama 2018, ku mutumba Mirama wa komine Bugendana, intara ya Gitega cahitanye umuntu umwe yitavye Imana, abandi 4 barakomereka.

Uwuburanira abo batatu, yavuze ko bagiye kwunguruza urubanza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.