Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abakozi bane ba COOPEC barekuwe
Gitega: Abakozi bane ba COOPEC barekuwe
mercredi 8 Ruhuhuma 2017
Abakozi bane b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana COOPEC ry’i Gitega, baridegemvya kuva inyuma y’umutaga wo kuwa kabiri igenekerezo rya 7 Ruhuhuma umwaka wa 2017.
Abo bakozi bari bahagaritswe ni umukuru w’ibiro vya COOPEC, icegera ciwe,umukozi waho n’uwujejwe ububiko.
Abo bakozi b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana COOPEC ry’i Gitega bari bahagaritswe mu ntumbero y’amatohoza,ku busuma bwabaye, hibwa amafaranga arenga imiliyoni 66 z’amarundi.
Umunyezamu n’abapolisi babiri bari bacunze ibiro vya COOPEC igihe biba babanje kubaha ibiyayura mutwe, baracapfunzwe.
IGIHE