IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA binjijwe ibohero (...)

Gitega: Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA binjijwe ibohero rikuru

mercredi 28 Ruheshi 2017

Abo bashikanywe mw’ibohero rikuru rya Gitega ni NZAMBIMANA Edouard, NDUWARUGIRA Jean Paul, MANIRAMBONA Maurice hamwe na NDUWAYEZU Alain batazira Laine bose bava ku mutumba Bwoga uri muri Komine n’intara ya Gitega.

Amakuru ava mu burongzi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA aho mu ntara ya Gitega, amenyesha ko uko ari bane bose bava ku mutumba wa Bwoga, uri muri komine n’intara ya Gitega.

Ukwo ari bane bayoboka umushingamateka Agathon RWASA bari bafashwe n’igipolisi bagirizwa kuba bari mu murwi ugira imitego mw’ijoro,igasahura abantu.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko abanywanyi babo ata kindi bariko barazira atari ivyiyumviro vya politike, bagasaba ubutungane gukora bidegemvya kugira ababo barekurwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.