IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Ivyari mu nzu y’umuvugizi w’umugambwe MSD vyibwe

Gitega: Ivyari mu nzu y’umuvugizi w’umugambwe MSD vyibwe

vendredi 4 Myandagaro 2017

Umuvugizi w’umugambwe MSD avuga ko vyose vyatanguwe n’ibikorwa vyo gutera ubwoba vyakozwe n’uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure ku mutumba wa Magarama-Place ku bari basanzwe baba muri iyo nzu, ababwira ko batavuyeyo bazokwibonerako.

Nk’uko umuvugizi w’umugambwe MSD abandanya abimenyesha, abahaba bamaze kwimuka hahavuye haza uwundi ahaba, uwo nawe niwe baravye atariho ari baca barinjira batora ibintu vyari mu nzu.

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD avuga ko yituye Buramatari w’intara ya Gitega kugira amubaze ko hari ico yofasha ariko inyishu yamwishuye atari inyishu zihumuriza.

Umuvugizi w’umugambwe MSD akavuga ko bibabaje kubona ibintu vy’abarundi bahunze bibandanya kwononwa, kandi muri Reta bagumye bashikiriza ko ibintu vy’abantu bahunze bikingiwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.