Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yagumijwe mw’ibohero
Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yagumijwe mw’ibohero
jeudi 8 Ntwarante 2018, par
Muganga NIYONGERE yagirizwa guhungabanya inzego z’igihugu, gutuka umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE, hamwe n’ukwigisha gutora "OYA" mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.
Uwo muganga akorera mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi yahagaritswe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.
- Muganga Jean Claude NIYONGERE batazira "Koroboto"
Amakuru ava muri iyo ntara ya Karusi, amenyesha ko Muganga Jean Claude NIYONGERE yagirizwa kuba yarakwiragije ku mbuga ngurukanabumenyi, ishusho y’umunyamabanga mukuru w‘umugambwe CNND-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, yambaye inkofero iriko ivyandiko bihamagarira Abarundi gutora "OYA" mw’ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rigiye gutorwa n’abarundi mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka.
Egide NDUWIMANA
Messages
8 Ntwarante 2018, 10:19, par Elyse Bimenyimana
Biragoye Yemwe. Ne Aho Yatangaza Ivyo Abihigako Ik? Ivyo Birafse Ba Inavyo.
11 Ntwarante 2018, 15:39, par Muvugakuri
Urihangana sha Koboroto ibihugu vya Afrika hafi vyose bitwawe uko!
Abavuze Ego baridegemvya ariko wewe raba ugahezemwo! Bashobora no kuba bakubeshera!
12 Ntwarante 2018, 12:42, par abdury
Niyihangane ,ariko borabaneza katarabamwanka bamudodobereza .kuko ubu .ntarukundo rugihari.