Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Umukuru wa quartier Magarama yahagaritswe mu mabanga
Gitega : Umukuru wa quartier Magarama yahagaritswe mu mabanga
vendredi 9 mars 2018
Nk’uko biri mw’ikete musitanteri wa komine Gitega, Valentin NAHIMANA yandikiye NGENDA Jean, kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2018, amenyesha ko uwo yahora arongoye quartier Magarama yagirizwa gukorana n’abakora inzoga zitemewe n’amategeko, yisunze inzoga zasheshwe kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018.
Muri iryo kete, musitanteri wa komine Gitega, yagiriza kandi NGENDA Jean kudakorana n’abandi batowe hamwe n’imirwi y’iterambere rusangi muri quartier, ibituma imigambi yo guteza imbere quartier idatera imbere.
Mu kurangiza, musitanteri Valentin NAHIMANA, aramutswa komine Gitega, amenyesha ko NGENDA Jean yahora arongoye quartier Magarama adashikana ivyegeranyo ku bamukurira.
NGENDA Jean akaba yaciye asubirizwa n’umuhanuzi muri quartier, uwuzwi kw’izina rya Vital NIYONKURU.
Ibijanye n’ikurwa mu mabanga rya NGENDA Jean rikaba ryamenyeshejwe buramatari w’intara ya Gitega, umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Gitega, umukuru w’umurwi wigenga utegura amatora mu ntara ya Gitega, hamwe n’umukuru wa Zone, quartier Magarama ikukira.
MUGISHA Van Naris