Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Umwigisha arapfunzwe yagirizwa amabi afatiye ku gitsina
Gitega: Umwigisha arapfunzwe yagirizwa amabi afatiye ku gitsina
vendredi 20 Nzero 2017
Umwigisha azwi kw’izina rya Munyankindi Corneil yahora yigisha kw’ishure ritoya La Bergeronnette mu gisagara ca Gitega,ari m u minwe y’igipolisi,inyuma yo kwagirizwa n’abana yigisha ko yabakoreye amabi afatiye ku gitsina.
Munyankindi Corneil yahagaritswe kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017 yagirizwa amabi afatiye ku gitsina yakoreye abana barenga 20 biga kw’ishure La Bergeronnette riri hagati mu gisagra ca Gitega.
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017 niho abana baherekejwe n’abavyeyi babo bashitse mu kigo HUMURA,gikorera mu ntara ya Gitega cishinze kwitaho abakorewe amabi afatiye ku gitsina kugira bagirize uwo mwigisha.
Muganga Sylvie NZEYIMANA arongoye ikigo HUMURA mu ntara ya Gitega,amenyesha ko naho bataramenya igitigiri nyezina c’abana basinzikarijwe ubuzima,amatohoza yamaze gutangura kugira batange umuco kuvyo uwo mwigisha yagirizwa.
Abana basaba ko umwigisha yocirirwa urubanza rw’ikibiriraho,mu gihe yokwagirwa n’ivyo yagirizwa.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2017, 16:33, par Kuri
AKADENDEREZO MUBURUNDI CANKE AFRICA TURABAZI
21 Nzero 2017, 20:54, par Nizigiyimana Daniel
Biragoye Guko Kenshi Abana Bato Ntibabesha Iryo Nivumwe Kw Isi
21 Nzero 2017, 21:08, par Eric Murengeza
Uwukora Icaha Wese Numuja Wicaha Iyo Ni Bible Ibivuga Amen
21 Nzero 2017, 21:09, par Eric Murengeza
Uwukora Icaha Wese Numuja Wicaha Iyo Ni Bible Ibivuga Amen
22 Nzero 2017, 21:38, par KING JAMES MWANGI
Nibajt Hirya Bo Ntibaryohew Kubera Iki Batase Ntabikore ? Bamuhoye Ubusa
23 Nzero 2017, 06:55, par Ntakirutimana Joel
Nukuhabera magabo cane mukubikurikirana, mubana mirongibiri ntihoburamwo abafisinda yiwe! icokibazo abaganga babigejwe bazobikurikirane mugukoresha ibipino, kuko birateye amakenga abana 20 ntihabonekemwo uwufisinda nticokumvikana!, biramutse arivyukuri azobihanirwe vyakarorero.
23 Nzero 2017, 19:48, par Alexis Rubavu Bukuru
None Tomor Nez Yakozik?Murab Nez Ntarenganywe!