Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Urubanza rw’umugabo yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi (...)
Gitega : Urubanza rw’umugabo yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi sango
vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par
Urubanza rw’umwigisha w’i Gitega yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi sango, inyuma y’aho sentare nkuru ikukira intara ya Gitega isibije kuri uwu wa kane, kwumviriza uwo akekwako icaha, kuko atari afise uwumufasha kuburana. Abavyeyi b’abana bashurashujwe bavuga ko urwo rubanza rwari kuba rwaciwe ikibiriraho (flagrance).
Corneille Munyankindi, umugabo w’imyaka 59 yigisha kw’ishure rito ry’i Gitega rizwi kw’izina rya "La Bergeronnette" yagirizwa ko yashurashuje abana 16 bo mu myaka ya 4 na 5 yo kuri iryo shure.
Sentare nkuru ikukira intara ya Gitega yari yateguye kuburanisha urwo rubanza kuri uwu wa kane, ibitashoboye kuba kubera uwagirizwa icaha atari yazanye uwumufasha kuburana.
Abo bana bose bivugwa ko bashurashujwe uko ari 16 bari bazanwe muri Sentare baherekejwe n’abavyeyi babo hamwe n’umuyobozi w’ishure bigako, ibitashimishije abari bitavye urwo rubanza bavuze ko ari ukubahahamura, kuko bazokwama bafise isoni mu maso y’abababonye muri Sentare.
Urwo rubanza rwashizwe ku rindi sango, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2017, Corneille Munyankindi nawe yagirizwa ico caha asubizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, aho asanzwe apfungiwe.
IGIHE
Messages
3 Ruhuhuma 2017, 11:57, par Kuri
ABO BAVYEYI NABO NYENE BAKWIYE GUHANWA BIKOMEYE NABICANYI KUKO NTIBARI KUZANA ABO BANA NGAHO MBERE ABO BANA BAKWIYE GUHABWA ABABAHANURA ABO TWISTA cancellor KUKO NIMBA IVYO VYARABAYE NTIBARI BAKWIYE LWEREKA ABO BANA IBIBANDANYA . BAHANWE NABO NYENE VYUKURI AHO MUBURUNDI BAFATE ICIGWA
3 Ruhuhuma 2017, 12:31, par Mwumba
Ubwicanyi, gushurashuza abana, Cholera,umucafu mu bisagara,n’ibitari ibi DD izobizana,Shetani iraganje mu Burundi
3 Ruhuhuma 2017, 19:07, par Sin Egide
Uwo mwigisha w’igitabanga azovugutirwe uwumukwiye
3 Ruhuhuma 2017, 19:20, par Sin Egide
Uwo murozi yihisha mu barezi azovugutirwe umuti umukwiye
4 Ruhuhuma 2017, 19:24, par NADALE
UWO MWICANYI AKWIYE GUHANWA VYA KARORERO NABANDI BAMEZE NKAWE BAGIRE ICO BATINYA
6 Ruhuhuma 2017, 20:34, par Bigirimana Pascal
Uwo muntu bamwitondere kuk ntamunt akomeye yokora ibara nk’iryo atari uwufs ingorane kandi ubutungane bukore ico bubereyeho.
6 Ruhuhuma 2017, 22:03, par HAVYARIMANA therance
JEW MBONAKO YOHABW,IGIHANO KIMUKWI AGAHANWA HISUNZW,AMATEGEKO ,
7 Ruhuhuma 2017, 10:13, par MBUTARE
NI BATOHOZE NEZA BASANZE ARI VYO AHANWE
7 Ruhuhuma 2017, 20:33, par NYANDWI
UWO MUNTU NAMBA ADAKOMEYE MUMUTWE ABANA 16