IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gitega : Uwahora ari umuyobozi w’indero mu ntara yakuwe mu mabanga

Gitega : Uwahora ari umuyobozi w’indero mu ntara yakuwe mu mabanga

jeudi 23 novembre 2017

Ikete nshikiranganji rikura Denis NDUWIMANA yahora arongoye indero mu ntara ya Gitega ryateweko umukono n’umushikiranganji w’Indero Dr Janviere NDIRAHISHA kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017.

Muri iryo tegeko nomero 610/1614 ryo kuwa 21 Munyonyo 2017, umushikiranganji w’indero amenyesha ko Bernard NDABAHAMAGAMYE yagenywe bisabwe n’umurwi w’intara ujejwe indero, hisunzwe kandi n’ibiranga uwagenywe.

Amakuru ava mu bakorera mu gisata c’indero mu ntara ya Gitega, amenyesha ko Denis NDUWIMANA yoba akozweko n’ikibazo kijanye no gukwiragiza abigisha mu bindi bibanza (redeploiement) vyakozwe mu gihugu cose n’umurwi w’igihugu ubijejwe.

Ayo makuru nyene amenyesha ko yoba yakiriye ibiturire vya bamwe mu bigisha bari barungitswe gukorera ku yandi mashuri abemereye kubahindurira aho bashizwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gukwiragiza abigisha.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Igiturire mu bisata vyose cashireweko umwanya mu Burundi hose. ni nde waca agisubiza inyuma camushitseko ntawe. ico urondera cose ugomba kugira igiturire utanga ngo bice bigenda uko nyine bitungane neza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.