Accueil > Amakuru > Poritike > "Gufuta umugambwe ntaco bihindura ku buzima n’umugambi wawo’’ - (...)
"Gufuta umugambwe ntaco bihindura ku buzima n’umugambi wawo’’ - MSD
mardi 29 Myandagaro 2017
Mw’ikete umunyamabanga w’umugambwe MSD Francois NYAMOYA yandikiye abanywanyi b’umugambwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2017,umugambwe MSD umenyesha ko naho utatahuye ivyanditswe mw’ikete risaba sentare ntahinyuzwa gufuta umugambwe MSD ,harimwo amajambo atera ubwoba abanywanyi bawo.
Umugambwe MSD, ubicishije muri iryo kete ryateweko umukono n’umunyamabanga wawo, umenyesha kandi ko ingingo yo gufuta uwo mugambwe naho yoja mu ngiro bisabwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ataco yohindura ku mugambi wawo.
Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE aheruka kwandikira umukuru wa sentare ntahinyuzwa yamenyesheje ko bimwe mu bitumye basaba ko uwo mugambwe ufutwa , ar’uko warenze amategeko abuza umugambwe kuja mu bikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano.
- Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje sentare ntahinyuzwa ko kuva mu mwaka w’2009 umugambwe MSD wemerewe gukorera ku mugaragaro,utigeze werekana icegeranyo c’amafaranga ukoresha.
MUGISHA Van Naris