Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinee Equatoriale:Igihugu ca Tchad kirahakana kugira uruhara mw’itembagazwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinee Equatoriale:Igihugu ca Tchad kirahakana kugira uruhara mw’itembagazwa (...)

Guinee Equatoriale:Igihugu ca Tchad kirahakana kugira uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi

jeudi 18 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI,Teodore Obiang Nguema ntiyigeze yemera gushira ku ruhande ko umukuru w’igihugu ca Tchad Idriss Deby yari afise amakuru y’iryo tembagazwa ry’ubutegetsi ryahatswe gukorwa.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu gihugu ca Tchad,Cherif Mahamat Zene yahakanye ko umukuru w’igihugu ca Tchad yoba afise uruhara muri iryo tembagazwa ry’ubutegetsi.

Cherif Mahamat yavuze ati : “Ntimuhave muvuga ivyo umukuru w’igihugu wa Guinee Equatoriale atavuze,amatohoza aracabandanya kandi ntimuhagarare cane ku bantu bafashwe kuko ntawuzi abantu boba binyegeje inyuma yabo babatumye.

Uwo mushikiranganji w’imigenderanire wa Tchad yavuze kandi ko bafise ayandi makuru mashasha hataragera ko bayashira ahabona.

Cheriff Mahamat yavuze ati :« Ukwo n’ukuri kandi abanyagwineya ubwabo barabizi,yaba umukuru w ‘igihugu wa Guinee Equatoriale eka n’uwa Tchad bose baravugana nta cotera amakenga kirimwo ntabwo ari ikibazo gusa c’abantu bafashwe kuko ico kibazo ni kinini gusumba uko muvyibaza, kandi kiraba abanyagwineya ubwabo,n’ukurindira amatohoza ahere ntimuvuge ivyo umukuru w’igihugu ca Guinee atavuze. »

Mur’ico kiganiro, umwe mu batavugarumwe na Reta y’umukuru w’igihugu ca Guinee Equatoiale yamenyesheje ko umukuru w’igihugu ashikiriza ibitarivyo kuko abapfunzwe kugeza ubu kubera iryo tembagazwa ry’ubutegetsi ryahatswe atari abantu 20 ku bwabo baziko ari abantu 200.

Abo batavugarumwe na Reta ya Teodore Obiang Nguema bamwagiriza ko yafashwe impfungwa zari muri komisariya y’i Malabo azungururiza ahitwa i Bata harangwa no guhohotera abapfungwa bakahagereranya na Guantanamo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.