Accueil > Amakuru > Ubutungane > HRW isaba Reta y’Uburundi kumenyesha aho abarundi bakuwe muri Kongo (...)
HRW isaba Reta y’Uburundi kumenyesha aho abarundi bakuwe muri Kongo bapfungiwe
mardi 7 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Right Watch rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene abarundi 124 bashikirijwe Reta y’Uburundi bavuye mu mabohero yo mu gihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bamerewe ubu.
Ida Sawyer umuyobozi w’ishirahamwe Human Right Watch mu karere ka Afrika yo hagati,amenyesha ko abakozi b’ibiro vy’igendereza mu Burundi bahohotera abapfunzwe,na cane cane iyo abo bapfunzwe bari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Kubwa Ida Sawyer,birateye impungenge n’amakenga ,kuba Reta itaramenyesha amabohero abo barundi bakuwe mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bapfungiwe.
Umukuru w’ishirahamwe Human Right Watch mu karere ka Afrika yo hagati Ida Sawyer avuga ko bihweje ingene abapfunzwe kubera idosiye y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga,abategetsi b’Uburundi bategerezwa kuba barerekanye neza ingene umutekano w’abapfungwa bavuye mu gihugu ca Kongo uzocungerwa.
Abo barundi bahora bapfungiwe mu mabohero ari mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, i Bukavu n’i Buvira, bashikirijwe ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 31 Nzero,umwaka wa 2017.
IGIHE
Messages
7 Ruhuhuma 2017, 15:06, par mwalimu victoir
gerageza mubarabe nukuvuga ivyuburundi namayobera
7 Ruhuhuma 2017, 15:13, par Daniela
Ewe,wamugore,ida,uzovuga,namate,akame!Haburiwe,irengero,abo,bari,kwicana,muri,kongo,wewe,uzoburigwa,irengero,uzira,akarimi,kawe!!
7 Ruhuhuma 2017, 16:17, par Kana
Muzoguma Muvuga Gushika Ryari?Twarabahinyuye?Nitwemere Dupfe Ntakundi Kwata Gitoro Dufise?Iyaba Muri Lybia Muba Mubatabara,ariko Ko Dutunze Ikigoyi Duca Twigwariza.
7 Ruhuhuma 2017, 21:39
NIBABAREKURE,BATAHE,BABAPFUNGIRIKI,AGACINYIZO!!!!,NTIKAZOHERA
7 Ruhuhuma 2017, 21:39, par ÀPORINAIRE
NIBABAREKURE,BATAHE,BABAPFUNGIRIKI,AGACINYIZO!!!!,NTIKAZOHERA
7 Ruhuhuma 2017, 23:43, par .
Mwinomyaka mugiye kumaramara bikwiye nabana bazobaseke.
Iyomwaba muvuga mufise urukundo kubarundi nu Burundi, mubamumaze kugira icomubamumaze kuvuga kububirigi nurwanda mbere mubamwarabahaye gasopo kumyitwarire yabo nuburubdi, nonevyarabananiye. Ubundusigaye mwebwe tubabona nkivyaduka ngaha muburundi.