Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagiye kujaho umurwi ukurikirana urudandazwa rw’isukari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Hagiye kujaho umurwi ukurikirana urudandazwa rw’isukari

Hagiye kujaho umurwi ukurikirana urudandazwa rw’isukari

mercredi 1er Ntwarante 2017

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko hagiye gushingwa umurwi ujejwe gukurikirana urudandazwa rw’isukari.

Inyuma y’inama umushikirianganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yagirishije ari kumwe n’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jeanne d’Arc KAGAYO,Pascal BARANDAGIYE yavuze ko ivyapfunditswe ku bijanye n’urudandazwa rw’isukari mu mwaka uheze wa 2016 bitubahirijwe.

Muri iyo nama yari yitavye ba buramatari na ba musitanteri bo mu gihugu cose,abo bajejwe intwaro mu gihugu bamenyesheje ko igituma igiciro c’ishukari kiduzwa ari uko abayirangura kw’ihinguriro bakoresha uburyo bwinshi kugira ishike aho idandarizwa.

Pascal BARANDAGIYE umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko naho hari ikena ry’isukari rigatuma igiciro kiduga, ubushikiranganji bw’ ubudandaji ntiburahindura igiciro.

Kuva ubushikiranganji bw’ubudandaji budugije igiciro c’isukari ku mafaranga 2200 ku kilo, aho ibonetse igurwa amafaranga ari hagati ya 3000 na 3200 vy’amarundi.


IGIHE

Messages

  • Mweho Ibujumbura Murivusha Sinzi Kwarupira Muriko Murakina Abanyagihugu Batobato Sinumva Ukuntu Twebwe Abanyagihu Bomuntara Isukari Ivamwo Ntituyironke Nabayifise Ngo Nibihumbi Bine 4000fr Kukiro Mwumva Atarakayobera Bahi Nimuduhe Umuco None Mubitera Kugumuka Navyo Nyene Birimwo Biratangaje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.