Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Harry Kane yaciye imbere Lionel Messi mubinjije ibitsindo vyinshi ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Harry Kane yaciye imbere Lionel Messi mubinjije ibitsindo vyinshi ku (...)

Harry Kane yaciye imbere Lionel Messi mubinjije ibitsindo vyinshi ku mwaka

mercredi 27 décembre 2017

Inyuma y’urukino rwahuje umurwi Tottenham n’umurwi wa Southampton , umukinyi Harry Kane yaciye akwiza ibitsindo 56, inyuma yo gutsinda wenyene, ibitsindo bitatu mu rukino.

Harry Kane aje imbere ya Lionel Messi yari asanzwe mu kibanza ca mbere n’ibitsindo 54, mu gihe Christiano Ronaldo wa Réal Madrid, Robert Lewandovski wa Bayern Munich na Edinson Cavanni wa Paris Saint Germain base bafise ibitsindo 53.

Imbere y’uko urukino rutangura, Harry Kane yategerezwa gutsinda ibitsindo 2 kugirango ashobore guca imbere Lionnel Messi afise ibitsindo 54,mu mwaka wa 2017.

Urukino rutanguye igice ca mbere carangiye Harry Kane yakoze ico yategerezwa aho iminota mirongo ine yaheze amaze gutsinda ibitsindo 2, ica gatatu kikaba cabonetse mugice ca kabiri.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.