IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hatangujwe amatohoza ku rupfu rw’umupatiri w’i Gitega yatowe yapfuye aho (...)

Hatangujwe amatohoza ku rupfu rw’umupatiri w’i Gitega yatowe yapfuye aho yakorera

jeudi 24 mai 2018

Mw’itangazo ry’umushikirizamanza kizigenza wa Republika ryo kuwa gatatu, igenekerezo rya 23 Rusama 2018, amenyesha ko kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018 mu masaha y’umutaga,patiri Caritos NIYOYITUNGIYE w’imyaka 39 basanze yapfiriye mu biro kandi kugira batore ikiziga ciwe babanje kubomora umwango kuko yari yugaye n’urupfunguruzo.

Muri iryo tangazo, umushikirizamanaza mukuru wa Repuburika,Sylvestre NYANDWI, amenyesha ko patiri Caritos NIYOYITUNGIRA ata kimenyesto na kimwe yarafise cerekana ko yagiriwe nabi ariko impande yaho yapfiriye hari ivyerekana ko yadashwe.

Sylvestre NYANDWI amenyesha ko, bariko bakora amatahoza mw’isaka ryakozwe basanze mu biro vyiwe vyo ku Mushasha ubutumwa hamwe n’ikete yandikiye umukuru w’ibanki wa BCB y’i Gitega amusaba ko amafaranga ari kuri konte yiwe azoronswe umwigeme yitwa Pasacaline KWIZERIMANA gushika ubu bataramenya aho aba.

Uwo mushikirizamanaza mukuru wa Repuburika, amenyesha ko amatohoza abandanya kugira hamenyekane ko yishwe canke yiyahuye.

Sylvestre NYANDWI avuga kandi ko mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2018 muri paruwasi ya NYABIHANGA yo mu ntaraya Mwaro,hatewe igitero catumye umupatiri wo muri iyo komine akomeretswa n’amasase.

Umushikirizamanza mukuru wa Repuburuika amenyesha ko abantu 9 bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza kandi idosiye z’abo zimaze kwugururwa .


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.