Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Higher Life Foundation ryarifatanije n’abanyeshure b’ishure rya Kirombwe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Higher Life Foundation ryarifatanije n’abanyeshure b’ishure rya Kirombwe mu (...)

Higher Life Foundation ryarifatanije n’abanyeshure b’ishure rya Kirombwe mu gikorwa co gutera ibiti

Tuesday 17 July 2018, by Jean De Dieu

Uwuserukira Higher Life Foundation mu Burundi,Joseph Mafara yamenyesheje ko bashimye kwifadikanya n’abanyeshure basanzwe bafasha mu gikorwa co gutera ibiti kuko iyo uteye ibiti uba uteye kazoza.

JPEG - 120.2 kb
Joseph Mafara, Aserukira Higher Life Foundation mu Burundi

Joseph Mafara Yavuze ko ibikorwa bakora mw’ishirahamwe Higher Life Foundation bafatikanije na Econet Leo baba bashize imbere kazoza kuko bizera yuko muri kazoza hazobaho abarongozi bazobandanya guteze imbere ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi

Joseph Mafara yavuze ko ishirahamwe Higher Life Foundation ifise intumbero yo gufasha abana b’impfuvyi naba ntahonikora mu kubarihira amahera y’ishure no kubafasha mu bindi bikorwa vy’ishure n’ibindi vya nkenerwa.

Joseph Mafara yavuze ko Higher Life Foundation ikorana na Econet Leo kuko ariyo ibaha uburyo kugira ishire mu ngiro iyo migambi yo gufasha abanyeshure.

Dr. Kennedy Mubaiwa aserukira Higher Life Foundation kw’isi yose yamenyesheje ko ubutumwa yazaniye abanyeshure bo kuriryo shure aruko n’imiburiburi umwe mu rwaruka ategerezwa gutera igiti kimwe ku mwaka kuko igiti cerekana iterambere.

JPEG - 126 kb
Dr. Kennedy Mubaiwa aserukira kw’isi yose ishirahamwe Higher Life Foundation

Dr. Kennedy Mubaiwa yavuze ati: “ Iyo uteye igiti ukakivomera ,kigakura kirama ivyama ugaheza ukacikenuza muvyo ukenye nico gituma igiti tugifata nk’iterambere. ”

Kennedy MUBAIWA yavuze ko umugabane wa Afrika utegerezwa kubungabunga ibiti mu ntumbero yo gukingira ibidukikije gukingira amazi hamwe no gukingira isi ari naco gituma bavuga ko igiti gifise akamaro kanini.

Uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo murivyo bikorwa ,Celestin BUKENE yamenyesheje ko naho Econet Leo ari ishirahamwe ryo gutumatumanako
bahora bafasha mubikenewe mu buzima bw’umuntu akaba ari muriyo ntumbero yatumye bashika kuriryo shure.

Celestin BUKENE yavuze ko Econet Leo ihora ifasha mu bintu bitandukanye nko gushigikira amashure,gutanga isima ,gutanga amabati hamwe n’ibindi.

Uyo yaserukiye ishirahamwe Econet Leo yasavye abanyeshure b’ishure ryisumbuye rya Kirombwe kubwira abavyeyi babo kubandanya bakoresha umurongo w’umuhora wa Econet Leo.

Ishirahamwe Higher Life Foundation ribicishije mw’ishirahamwe Econet Leo risanzwe rifasha urwaruka rw’impfuvyi rwiga mu mashure matomato ,ayisumbuye hamwe na kaminuza mu kubarihira amafaranga y’ishure hamwe n’ibikenewe,ubu rikaba rifasha abanyeshure bangana 500.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.