Accueil > Amakuru > Poritike > Ibibazo umunani nivyo bizogaruka mu biganiro nyezina vyimirije
Ibibazo umunani nivyo bizogaruka mu biganiro nyezina vyimirije
mardi 17 Nzero 2017, par
Umubonano wahuje abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi yabereye i Arusha wari uwo kurabira hamwe ibizoganirwa mu biganiro nyezina bishobora gutunganwa mu ntango z’ukwezi kwa kabiri, nk’uko bivugwa na bamwe mu batumiwe muri uwo mubonano. Abo bari i Arusha bamenyesha ko umuhuza yababwiye ko vyanse ko ibiganiro bitangura mu kwezi kwa kabiri azoca akinjura muri ayo mabanga.
Mu rupapuro rw’inzira rwahawe abo batumiwe i Arusha, habonekamwo ibibazo umunani nyamukuru umuhuza avuga ko bizoshimikirwako mu biganiro nyezina bigiye gutunganwa. Ivyo navyo ni ikibazo kijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, ikijanye n’umutekano w’igihugu, iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu mwaka w’2000 hamwe n’iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, ikibazo kijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ikijanye n’ukugarukana icuka ciza ca poritike, ikibazo kijanye n’isesagurwa ry’amatunga ya Reta aho umuhuza yemeje ko Uburundi buri mu bukene bwinshi, ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu bihugu bitandukanye hamwe n’ikibazo c’ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro mu Burundi.
Umuhuza Benjamin William Mkapa yakiriye kuri uwu wa mbere abo banyeporitike batavuga rumwe na Reta mu mirwi itatu. Umurwi wa mbere wari ugizwe n’abanyeporitike baje bava mu mahanga aho bahungiye, umurwi wa kabiri nawo ukaba wari ugizwe n’abanyeporitike baje bava i Bujumbura.
Kuri uwu wa kabiri naho, umuhuza MKAPA niho yabonanye n’umurwi ugira gatatu ariwo wa nyuma. Uwo nawo ukaba wari ugizwe Alice NZOMUKUNDA arongoye umugambwe ADR, Mathias BASABOSE nawe nyene wo mu mugambwe ADR, hamwe na Sylvestre NTIBANTUNGANYA yigeze kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi.
IGIHE
Messages
17 Nzero 2017, 20:37, par nema
Mkapa , Cnard Yamenyeye Coup D,etat Ntishoboka .
17 Nzero 2017, 21:02, par yooh
none baciye bataha?
18 Nzero 2017, 01:44, par Turacagowe
Abakotana bakotanira inda zabo turabamenyereye! Turindiriye abababaye ko igihugu gitungana muri vyose kandi nabo nibo bake dukenye na cane!
Ba nsumirinda, zi!
18 Nzero 2017, 11:06, par oke
abarundi dukeneye amahoro ibib ganiro ni amahoro ndikorode
18 Nzero 2017, 11:57, par Anaclet Ruberintwari
twizigire ko hazotinda hakaboneka icizere c’amahoro.
18 Nzero 2017, 21:24, par Gilbert
Mbega abo baganirira hanze boba bibutse ibiganiro vyabanyagihugu bari hagati mu gihugu ko aribo ari beshi gusumba abo bari mu kinyegero
19 Nzero 2017, 16:24, par Tinya
Mwavuga Ngwiki?Reka Mukapa Abigarame Mwa Mbonerakure Mwe!
19 Nzero 2017, 18:27, par rodrigue
Nibyiza......
20 Nzero 2017, 05:01, par Imme
Harikikintu gitweza ubu igikozwe cose uza wumva ngo imbonerakure mbega mwibagite aba sa ze cheque amabi bakoze
Ibiganiro bizogenda neza Imana sumwana wumuntu ngo yihende
21 Nzero 2017, 11:03, par Mututsimwiza
After selling a fake genocide in the west CNARED is struggling to exist. Their leaders are muderers who need to be brought before justice.
28 Nzero 2017, 10:15, par WARUMONGE
Ukoretayabiteguye Ntigire Ibihinduka twifuja Ukurikujahabona Ahobakoreyamabi