IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiciro vy’amatike y’ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" vyagabanijwe

Ibiciro vy’amatike y’ihiganwa "Elicom Motocycle Racing" vyagabanijwe

mardi 22 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwaruka rusabwa gufata mu minwe amahigwe yose mu kwitabira amahiganwa nkayo. Ivyo bivugwa na Ange Bernice INGABIRE, umuserukizi w’iryo higanwa "Elicom Motocycle Racing”.

Ange Bernice amenyesha ko imyiteguro igeze kure ku mpande zose. Ku ruhande rw’abazohiganwa ariko atari umwuga wabo (Amateurs), hamaze kwiyandikisha abarenga igitigiri categekanijwe. Muri Elicom bategekanya aba ”Amateurs” mirongo ibiri (20), kugira bagabanye, hazoba ivyigwa ku mapikipiki kugira hasigare 20 zishobora guhiganwa.

Ku ruhande rw’inzobere (professionels), Ange Bernice avuga ko n’ubu muri Elicom bakibandanya kwakira abashaka kwiyandikisha. Abahinga bava mu bihugu nka Uganda, Kenya, Tanzaniya, Ubufaransa, Ubuhindi, Autriche, Australiya, RDC, n’Uburundi baramaze kwemeza ko bazokwitaba iryo higanwa.

Ange Bernice yemeza ko iryo higanwa rifise abahinga bashoboye kuraba ko amapikipiki yose azohiganwa akwije ibisabwa.

Nk’uko biri mu migambi yashize imbere igihe yatsindira ikibanza ca Miss Burundi 2016, Ange Bernice Ingabire ahamagara urwaruka kwitaba bivuye inyuma akaryo keza nk’ako kaba karondera ineza yarwo. Yibutsa kandi ko ihiganwa nk’iryo rifasha no mu kunywanisha urwaruka, guhanahana ubumenyi hamwe no kwerekana ko kazoza k’Igihugu kari mu bumwe bw’urwaruka. Ingabire Ange Bernice yongera akavuga ko ihiganwa rya "Elicom Motocyicle Racing" rije hageze narirya urwaruka rwaheruka mu ndyane.

Tubibutse ko ihiganwa rya “Elicom Motocycle Racing” rizoba ku magenekerezo ya 02 na 03 Nyakanga mu kibuga ca ETS Kamenge. Ikindi twobamenyesha n’uko amatike yo kwinjira muri ivyo birori bizoba birimwo n’ibihangange vy’abaririmvyi nka Big Fizzo na Doctor Claudio n’abandi ariko aragurishwa. Kuva ubu gushika kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro, itike yo mu bibanza bisanzwe izogurisha ibihumbi 2000 y’amarundi, mu kibanza c’iteka ibihumbi cumi y’amarundi, hamwe n’ibihumbi 20 muri vya bibanza vyiharije amateka. Muri Elicom bavuga ko n’uwoshaka kugira ico atereye ashobora gutanga amafaranga ibihumbi 100,000 y’amarundi. Kuri ico, Ange Bernice atera akamo abipfuza kuryoherwa muri ico gihe ko bogura amatike akizimbutse.

Inyuma y’iryo genekerezo, itike isanzwe izogurwa ibihumbi bitanu vy’amarundi, ibihumbi 20 mu kibanza c’iteka hamwe n’ibihumbi 50 mu bibanza vy’iteka kurusha ibindi.

Ayo matike nyene ariko agurishwa mu bibanza vyose bikoreramwo “Payway Burundi” hamwe no ku cicaro c’ishirahamwe Elicom kiri iruhande y’insamirizi ISANGANIRO.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.