Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino Burundi-Soudan du Sud vyamenyekanye
Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino Burundi-Soudan du Sud vyamenyekanye
mardi 6 Ruheshi 2017
Ku bazoraba urukino bari ku mpande z’ikibuga (Pourtour), kwinjira bazoriha amafaranga 2000 vy’amarundi, mu bwugamo A na D bazoriha ibihumbi 10, mu bwugamo B an C ibihumbi 20, mu bwugamo bw’iteka bazoriha amafaranga ijana vy’amarundi.
Amakuru dukesha uwujejwe ubudandaji mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko urwo rukino ruzotangura isaha icenda z’umuhingamo.
Mwomenya ko urwo rukino ruri mu rukurikirane rw’inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa rihuza ibihugu vya Afrika (CAN) rizoba mu mwaka wa 2019.
Uburundi buri mu murwi umwe n’igihugu ca Gabon, Sudani y’Epfo hamwe n’igihugu ca Mali.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 Ruheshi 2017, 14:11, par Bob LEE SPEKE
Muraraba mu kosore mu bwugamo bw’iteka mwandite ko ari amahere ijana vy’amarundi. Nibaza ko ari ibihumbi ijana kuko uwurinze ajayo aba yiyemeye ko ayafise.
6 Ruheshi 2017, 14:11, par Bob LEE SPEKE
Muraraba mu kosore mu bwugamo bw’iteka mwandite ko ari amahere ijana vy’amarundi. Nibaza ko ari ibihumbi ijana kuko uwurinze ajayo aba yiyemeye ko ayafise.