Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihano Amerika yari yafatiye Sudani vyakuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibihano Amerika yari yafatiye Sudani vyakuwe

Ibihano Amerika yari yafatiye Sudani vyakuwe

samedi 7 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amerika ifashe iyo ngingo mu gihe umukuru w’igihugu Donald Trump yaheruka gufata ingingo mu kwezi guheze yo gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu vyafatiwe ibihano, abantu b’ivyo bihugu bakaba batari bemerewe kuja muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Sudan nico gihugu conyene cakuwe kuri urwo rutonde, Reta zunze ubumwe za Amerika ishikiriza ko Reta ya Khartoum yubahirije ibihano mpuzamakungu vyari vyafatiwe igihugu ca Koreya ya Ruguru, mu kudakorana nayo.

Umwe mu bategetsi ba Amerika yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’utwigoro Sudani yakoze nk’ibijanye no kugwanya iterabwoba, gutatura amatati mu banyagihugu hamwe no gutanga inzira kugira imfashanyo z’abanyagihugu zishike muri Darfour.

Tubibutse ko Sudani yari yafatiwe ibihano bijanye n’ubutunzi kuva mu mwaka w’1997 kikaba kitari cemerewe gushobora kugura ibigwanisho hamwe no kuronswa imfashanyo itangwa na Amerika.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.