Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihano vyari vyafatiwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Sudani (...)
Ibihano vyari vyafatiwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Sudani vyahagaritswe
vendredi 14 Mukakaro 2017
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani ryari ryafatiwe ibihano inyuma y’aho ubushikiranganji bw’inkino muri ico gihugu aribwo bugerageje gushiraho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru.
Inyuma y’ivyo bihano,umurwi nserukiragihugu n’iyindi mirwi iserukira igihugu ca Sudani yaciye yakwa uburenganzira bwo gukina inkino mpuzamakungu.
Kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017,ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryamenyesheje ko ibihano bihagaritswe kw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani,ko rero imirwi y’ico gihugu ishobora kwitaba amahiganwa mpuzamakungu.
Mw’ikete ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryandikiye amashirahamwe aryegukira, ryamenyesheje kandi ko igihugu ca Sudani gishobora n kwitaba inyigisho canke inganda zitunganijwe n’ishirahamwe FIFA.
Iyi ngingo itumye urukino bitegekanijwe ko ruzohuza igihugu ca Sudani n’igihugu c’Uburundi vyizerwa ko ruzoba,kuko amakuru ava mu bakurikiranira hafi ibikorwa vy’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi,avuga ko ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017,umurwi nserukiragihugu wa Sudani woba wari mu nzira uza muBurundi.
Naho amadaha ataramenyekana ,bitegekanijwe ko urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu wa Sudani n’uwo Uburundi,ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017,ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.
MUGISHA Van Naris