Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu vya EAC bidatanga intererano vyasabiwe ibihano
Ibihugu vya EAC bidatanga intererano vyasabiwe ibihano
lundi 8 Rusama 2017, par
Mu nama y’abo bashikiranganji yabereye i Arusha muri Tanzaniya, Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko integuro y’amafaranga yokoreshejwe mu 2017/2018 igera ku miriyoni 113.8 z’amadorare y’abanyamerika, aho akaba ari mu gihe muri uwu mwaka turiko turasozera hakoreshejwe ayagera ku miriyoni 101.4 z’amadorare.
Iyo nama y’abashikiranganji yemeje kandi ko mu mwaka uza w’2017/2018, ibihugu biri muri iryo shirahamwe bitazokwongezwa amafaranga y’intererano vyahora bitanga muri iryo shirahamwe. Mu mwaka turiko turasozera, igihugu cose categerezwa gutanga imiriyoni z’amadorare zigera ku 8.3, mu mwaka uza naho igihugu cose kikazotanga imiriyoni 8.4
Icegeranyo c’inama y’abashikiranganji ba Afrika y’ubuseruko cerekana ko ibice 52 kw’ijana vy’amafaranga azokoreshwa mu mwaka uza azova mu ntererano z’ibihugu, ayasigaye nayo atangwe n’abasanzwe bafasha uwo muryango.
- iberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko
Mu ntererano z’uwu mwaka turimwo, igihugu ca Kenya nico cashoboye gutanga ayo categerezwa gutanga yose, Uganda itanga ibice 91.5 kw’ijana, Urwanda rutanga ibice 64.2, Tanzania itanga ibice 30.5, nayo Uburundi bukaba ataco buratanga, mbere bukaba buheranye ayagera ku miriyoni 771,037 z’amadorare y’abanyamerika.
Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko avuga ko kuba ibihugu bidatangira rimwe intererano zavyo bigira ingaruka ku bikorwa vy’uwo muryango n’inzego zawo, ariyo mpamvu ubunyamabanga bwa EAC bwasabye ko ico kibazo cohagurukirwa, ndetse ibihugu bitavyubahirije bifatirwe ibihano.
IGIHE
Messages
9 Rusama 2017, 06:28, par Mediator
U Rwanda rwatwishuriye muri EAC $1Million,ubu none ninde azotwishurira?Peter na DD nisabasabe ikigongwe u Rwanda rudutabare
9 Rusama 2017, 07:32, par Mediator
Muri EAC korera hamwe ntibabacanishemwo cane ko hari aba sans echec baterekwa Leta y,uburundi.Ico baduhora ngo nukwo twababujije kubandanya baturira abantu mumapine!!!! Igihe cose mubonye uwiyita MEDIATOR atyoza inzego z,igihugu ntaba ari Jew muzomumenyera Ku majambo yo kuterekwa Leta uwo ni umu sans echec
9 Rusama 2017, 13:04, par Mwumba
Jewe ntangazwa nuyu yiyita Mediator hamwe n’abashigikira leta y’icaduka,none ikintu kizima bazaniye abanyagihugu n’ikihe?
9 Rusama 2017, 13:15, par Musaga
U Burundi burakenye nta contribution nimwe buratanga muri EAC,yoo ntibwishoboreye abahora badufasha yari u Rwanda,none raba DD wazanye akabi kabishe
9 Rusama 2017, 15:46, par Barutwanayo
Uburundi Buraririra Bukwiye gufatirwa Ibihano Nabwo
10 Rusama 2017, 08:18, par Wakera
Mbe burya Liberat asahura amatunga ya EAC sebuja atigera atanga intererano! Ibara! None za mbonerakure baherutse kurungikwa muri EALA zagiye guhembwa mutwigoro twibindi bihugu!!! Nimba zibazako ari buruguri yabashinwa!!!Damn!!!
10 Rusama 2017, 20:39, par Ngozi
Ahubwo Biratangaje None Aza Kwicara Munama Atacatwaye!Ntanisoni Afise? None U Burundi Bushoboye Iki?