IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ibikoresho vy’insamirizi NTUMBERO Fm vyashikirijwe ubutungane

Ibikoresho vy’insamirizi NTUMBERO Fm vyashikirijwe ubutungane

mercredi 17 janvier 2018

Thierry IRAMBONA, arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru mu nsamirizi NTUMBERO Fm, amenyesha ko atashimishijwe n’ivyashitsweko, kuko kubwabo,batari bakwiye kwakwa ibikoresho vy’akazi, kuko ikigo CNC, kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora cari cabahagaritse gukora ku kiringo c’amezi 6.

Kubwa Thierry IRAMBONA , akabona ko insamirizi Ntumbero FM izohava idasubira kwugurura, n’inyuma y’igihano yafatiwe n’ikigo kigenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC.

Thierry Irambona avuga ko ibikoresho vyari gushikirizwa ikigo CNC kuko arico gifise mu minwe ibibazo vy’insamirizi NTUMBERO Fm.

Uwahoze ari umuyobozi w’iradiyo NTUMBERO Fm, Aimable NDUWAYEZU akaba atawuzi irengero ryiwe kuva muri Ruheshi umwaka wa 2017.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.