Accueil > Amakuru > Poritike > Ibikorwa vy’umugambwe MSD vyahagaritswe
Ibikorwa vy’umugambwe MSD vyahagaritswe
mercredi 12 Ndamukiza 2017, par
Ibikorwa vy’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA vyahagaritswe kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE.
Iryo tegeko ry’umushikiranganji rivuga ko umugambwe MSD uhagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu, n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zigategerezwa kwugarwa mu gihugu cose.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.
Abanywanyi b’uwo mugambwe nabo bagirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko babandanya kwerekana ingendo y’urwanko hamwe n’ubugizi bwa nabi.
IGIHE
Messages
12 Ndamukiza 2017, 16:46, par jonas
yogwana gute kandafise umugambwe ? nareke umugambwe atore inkoho.
12 Ndamukiza 2017, 16:54, par Dumbuli
nobikora muzovuga kandi ngo ni U Rwanda rwobikoze kandi Alexis Sinduhije ni umunyagihugu abarundi nta gihindutse muzomarana rwose. njewe naja inama ko mwokwicarana hamwe mukarondera icatuteza imbere nta vangura
12 Ndamukiza 2017, 19:15, par Major godefrois
Niterabwoba ryiwe nyene. Mbega aho yotanguz’intambara,afise bangahe?
12 Ndamukiza 2017, 21:23, par nzoza ejo
MS D TUKURINYUMA
12 Ndamukiza 2017, 21:25, par nzoza ejo
MS D TUKURINYUMA
13 Ndamukiza 2017, 01:01, par mzoyihera intagoheka
Mbega kudahagarika CNDD FDD yirirwa irigisha imbonerakure gusambanya abagore nabigeme bongaha muburundi, ngo bazovyare imbonerakure? ,ariko nsubiye inyuma gatoya ntawo, wohagarika kuko mubigisha imbonerakure gufata kunguvu abagore nabigeme ngo bazobavyarire imbonerakure, uruwambere mukubiterera igikumu!.Abagize MSD ntamusi barigisha gufata abagore nabigeme kunguvu, tusazwe tubizi iyumuntu ariko araharanira amahoro, nagateka kazina muntu, kurimwebwe acahinduka umwansi wanyu, kubwivyo, ivyo wakoze kuwuhagarika ayomezi 6 sigitangaza kubanyagihugu twese kuko turagutahura cane, kwariyo ngendo yawe yogutoteza abasazwe mutarikumwe mububisha bwanyu.
13 Ndamukiza 2017, 08:29, par Wakera
Nahere gufuta DD ihimiriza imbonerakure gufata abobita abakeba kunguvu ngobavyare interahamwe!
13 Ndamukiza 2017, 09:17, par Indebakure
Ahaaaa ubwo mu minsi mike abo muri uwo mugambwe baratangira kurya amasasu abandi ubuhungiro abandi uburoko !!!! Umuturage utazi iyo biva niyo bigana niwe bazaheraho kuko niwe bazabwira kujya mu migumuko nawe akajya imbere ngo aramagana leta !!!! Reka mbabwire nti ntawahangana numuhatse !!!!
13 Ndamukiza 2017, 11:30
13 Ndamukiza 2017, 12:47, par NZOPFABARUSHE
Tanguza ariko mubanze murindire ngure agastoke sinze ngwe mu bana !
14 Ndamukiza 2017, 05:42, par karinda evariste
Nibawuhagarike Kubera sinduhije yagiteye Obama mugihugu ci Rwanda yogutegura indwano nibawufute yari khmer n’a ussen rajabu rétro turashimye ingingo yumushikiranganji
14 Ndamukiza 2017, 09:47, par Klemas
Jewendabishimye
14 Ndamukiza 2017, 15:02, par Don’t worry
@jonas
"yogwana gute kandafise umugambwe ? nareke umugambwe atore inkoho."
Inkoho azimaranye imyaka 5. Niyo zitamwerera zizomuhitana!
14 Ndamukiza 2017, 17:48, par Epimac
MSD twese abarundi bumutima tukuri inyuma
15 Ndamukiza 2017, 20:44, par Nema
M S D Numugambwe Wamacakubiri . Ahubwo Nibawufute Ntuzohave Udukwegera .
21 Ndamukiza 2017, 08:01, par fau ste
Tukuri Nyuma
27 Ndamukiza 2017, 20:10, par Gashashi
Ahubwo Nibatore Inkoho Urazi Ukuntu Dukumbuye Kuzumviriza Ziriko Ziravuga.