Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vya OTAN mw’ibahari Indien vyahagaze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibikorwa vya OTAN mw’ibahari Indien vyahagaze

Ibikorwa vya OTAN mw’ibahari Indien vyahagaze

vendredi 25 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, (OTAN) ryahagaritse ibikorwa vyaryo vya gisirikare mw’ibahari Indien, inyuma yuko ibitero vy’inkozi z’ikibi zikorerera mu mazi z’Abanyasomaliya bigabanutse.

Igisirikare kirwanira mu kirere c’igihugu ca Danemark, caragize ibikorwa vya nyuma vy’ukugenzura ibahari Indien, ibikorwa vy’ishirahamwe OTAN.

Ibikorwa vya gisirikare vy’ishirahamwe OTAN vyarafashije mu kurwanya ibikorwa vy’inkozi z’ikibi zikorera mu mazi. Ivyo bikorwa vyarimwo kandi umuryango w’ubumwe bwa Buraya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibindi bihugu vyigenga.

VOA ivuga ko indege z’ishirahamwe OTAN zahaguruka zivuye mu mazinga ya Seychelles, zikaba zarafashije cane mu gikorwa c’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mw’ibahari Indien.

Umusirikare mukuru w’inteko zirwanira mu kirere z’igihugu ca Denemark amenyesha ko zagize igikorwa ca nyuma mu mazi y’ibahari Indien, akavuga ko ishirahamwe OTAN rizosubira kubandanya ibikorwa vyaryo vy’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mu mazi igihe icarico cose, haba mu karere Somaliya irimwo, canke mw’ibahari Atlantike.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.