Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyatunganije ikiganiro inyuma y’inama y’i (...)
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyatunganije ikiganiro inyuma y’inama y’i Geneve
jeudi 22 Ruheshi 2017
Ico kiganiro co guhanahana ivyiyumviro catunganijwe mu ntumbero yo kwihweza uko inama yabereye i Geneve yagenze, aho umurwi ujejwe amatohoza mu Burundi washikirije icegeranyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Ico kiganiro kizobera mu nyubakwa za Hotel Best Outlook Hotel, kuva igihe c’isaha icenda gushika isaha icumi n’imwe z’umugoroba.
Mu kiganiro giheruka cabaye kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017 imbere y’uko icegeranyo gishikirizwa, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Ambassadeur Willy NYAMITWE ari kumwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA bari bavuze ko igihugu c’Uburundi ata ciza citeze kizova muri iyo nama y’i Geneve.
MUGISHA Van Naris