Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibirwanisho vy’ubumara bitari bwabeho vyageragejwe muri Korea ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibirwanisho vy’ubumara bitari bwabeho vyageragejwe muri Korea ya (...)

Ibirwanisho vy’ubumara bitari bwabeho vyageragejwe muri Korea ya ruguru

vendredi 9 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Korea ya ruguru ivuga ko igikorwa co kugerageza ubugira gatanu ibirwanisho vy’ubumara cagenze neza. Itangazo ryacishijwe mu kinyamakuru ca Reta rivuzwe inyuma y’amasaha make humvikanye inyiganyiga ry’isi hagufi y’akarere hakunze kuberamwo iryo geragezwa.

Korea y’epfo yemeza ko ari igeragezwa ritari bwigere riba, hakaba hari ubwoba ko ico gihugu kimaze gutera intambwe ikomeye mu gukora ibirwansho vya nucleaire. Umukuru w’igihugu wa Korea y’epfo, Park Geun-Hye, yavuze ko iryo geragezwa ari "igeragezwa ryo kwigeramira", ryerekana "ukutizerwa" kw’umukuru w’igihugu ca Korea ya ruguru, Kim Jong-un.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubushinwa n’amakungu bwiyamirije iryo geragezwa, butera akamo Korea ya ruguru kudahirahira ngo basubire ibikorwa nk’ivyo, kuko vyotuma ibintu biba bibi gusumba.

Nk’uko tubikesha BBC, abategetsi ba Korea y’epfo bavuga ko ivyuma vyabo vyabonye isi inyiganyiga ku rugero rwa 5.3 rwa Richter hagufi y’akarere Korea ya ruguru ikoresha mu kugerageza ibigwanisho vy’ubumara.

Gushika ubu Korea ya ruguru ntaco iravuga kuri iryo geragezwa, ariko abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko gishobora kuba ari ikimenyetso c’intambwe ico gihugu kimaze gutera mu buhinga bwa nucleaire.

Ukunyiganyiga kw’isi gutumwe n’abantu muri ako karere, kwatumwa n’igeragezwa ry’ibigwanisho vy’ubumara. Umupfasoni Park, yaciye ahagarika urugendo yarimwo mu mahanga, yavuze ko, inyuma yo kugerageza incuri ya gatanu, ivyo bigwanisho vy’ubumara "Reta ya Kim Jong-un yikwegeye ibindi bihano no guharigwa ivomo n’amakungu.”

Biciye mu butumwa bwatanzwe ku kinyamakuru ca Reta ya Korea y’epfo, Yonhap, umukuru wa gisirikare w’ico gihugu yavuze ati : ”Twibaza ko Korea ya ruguru yagize igerageza rikomeye gusumba ayandi yose.”

Abakozi b’abahinga muvy’ubutaka muri Amerika, bakurikirana cane ibibera ku butaka, bari bavuze ko humvikanye inyiganyiga ry’isi hagufi y’akarere Korea ya ruguru igiriramwo igerageza ry’ibirwanisho vy’ubumara, i Punggye-ri. Ku musi wa gatanu, ni umusi ico gihugu cibuka aho catangura kubaho.

Ubuyapani buza bwamaze kwiyamiriza ico gikorwa, umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, akamenyesha ko bariko baravugana n’abo bacuditse. Na Amerika yavuze ko iriko irakurikiranira hagufi izo nkuru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.