Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’amagufa y’abantu vyatowe i Mwaro bigiye guhambanwa (...)
Ibisigarira vy’amagufa y’abantu vyatowe i Mwaro bigiye guhambanwa iteka
jeudi 23 Ruhuhuma 2017, par
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR yamenyesheje ko ibisigarira vy’abantu batowe amagufa mu kinogo kimwe mu ntara ya Mwaro bagiye guhambanwa iteka. Muri CVR bavuga ko ico gikorwa c’ukubashingura kizoba kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2017.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Musenyeri NAHIMANA yashikirije ko umurwi CVR uzoja muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro, kugira wakire ibisigarira vy’abantu vyahatowe, bishinguranwe iteka mu buryo bubereye kandi bushobora kuremesha n’imiryango y’abo bantu bahambwe mu kinogo kimwe.
Amagufa y’abantu bahambwe mu kinogo kimwe yatowe kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2017 mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.
Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko ayo magufa yatowe mu kibanza cariko cubakwamwo inzu.
Abagereye ahatowe ayo magufa nabo bakaba bamenyesheje ko bigoye kumenya igihe abo bantu bahambwe muri ico kinogo, abaribo hamwe n’ingene bangana.
IGIHE
Messages
23 Ruhuhuma 2017, 21:52, par moss
iyohabamurwanda baribarose akazi kokuvugango nijenoside ariko mwekotabivuze kwariya bahutu buyoya yishe
24 Ruhuhuma 2017, 14:46, par Mpozamarira Elias
Ariko Buyoya wamaze abahutu nawe ubwo ngo arashaka ibiganiro??? Umwanya we ni kwa Shitani. Nje mubonye nomuhamba ari muzima.
24 Ruhuhuma 2017, 16:29, par HAVYARIMANA LIN
UMUHUTU,UMUTUTSI BISHWE BOSE BARAPFA,KANDI IMIRYANGO IBABARA KUMWE KUKO BOSE NABANTU,ABARUNDI BUMUTIMA BOFASHA KUGIRA AKO KABI KABISHE NTIKAZE KONGERE KUBA,UWISHWE NTAZOGARUKA,GUSA ABAKIHARI BOVYIRINDA CANE
25 Ruhuhuma 2017, 06:55, par FNL
@Moss?ja kwa le Gentil bakuvure warasaze,nkubwo u Rwanda uruzana gute muriyi micafu ya Politique y’Abarundi?teshwa ute
25 Ruhuhuma 2017, 11:26, par FNL
@moss. Ni ukuza vuba kwa le gentil tukaja tuganira kuko nje niho nibera.