Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibitabu vy’inzira (Passeport) 12 vy’Uburundi vyafatiwe muri Tanzaniya
Ibitabu vy’inzira (Passeport) 12 vy’Uburundi vyafatiwe muri Tanzaniya
lundi 6 Ntwarante 2017, par
Umwigeme wo mu gihugu ca Tanzaniya yafatanwe ibitabo vy’inzira (passeports) 15 vyo mu bihugu bibiri bitandukanye. 12 ni ivyo mu Burundi, mu gihe bitatu ari ivyo mu gihugu ca Madagascar.
John MSUMULE akora mu giporisi kijejwe uruja n’uruza mu gisagara ca Dar Es Salaam yamenyesheje ko uwo mwigeme wo muri Tanzaniya yiyemereye ko abo bantu bene ivyo bitabu vy’inzira bari mu gihugu ca Kenya, kandi ko ivyo bitabu vy’inzira yabironse aciye ku wundi muntu, akaba yariko ategura gufashanya n’abo bakorana mu kubashiriramwo « Visa » kugira barungikwe mu gihugu ca Arabia Saoudite. Igiporisi ca Tanzaniya cikeka ko abo bantu boba bagira barungikwe mu bikorwa vy’urudandazwa rw’abantu baringikwa mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane w’abarabu.
John MSUMULE avuga ko uwo mwigeme yaciye ashikirizwa ubutungane bwa Tanzaniya bumukurikirana ku caha c’ukuba afise ibitabu vy’inzira vy’abanyamahanga bari mu kindi gihugu.
IGIHE
Messages
6 Ntwarante 2017, 18:45, par Mwumba
Izo Passeports ni DD izitanga,ujinga mzigo, akari inyuma karahinda
7 Ntwarante 2017, 12:00, par JEREMIE
ABARUNDI BAKWIYE KUZA BARIGA,KUVUGA NIVYO BANDIKA.IKIBAYE COSE,NGO DD.NGO NI MBONEKURE.IVYO TURABIMENYEREYE.BAZOVUGA BARUHE,NATWE TUGUME KUBIKORWA.IMANA NAYO,IGUME IHA UMUGISHA UBURUND.
7 Ntwarante 2017, 15:18, par NZINAHORA VITAL
IMANA UKWO YATANZE IBIMENYETSO KURI FARAWO NGO AREKURE ABISIRAYELI NIKO IMANA YEREKANA AKARENGANE KUBURUNDI MURI POLITIKE IZO PASIPORO ZISHOBORA NOGUKORESWA MUGUTEZA UMUTEKANO MUKE IGIHUGU TUSHIMYE POLISI YATANZANIYA KUTABERA KUBYAHA NKIBYO
7 Ntwarante 2017, 15:19, par NZINAHORA VITAL
IMANA UKWO YATANZE IBIMENYETSO KURI FARAWO NGO AREKURE ABISIRAYELI NIKO IMANA YEREKANA AKARENGANE KUBURUNDI MURI POLITIKE IZO PASIPORO ZISHOBORA NOGUKORESWA MUGUTEZA UMUTEKANO MUKE IGIHUGU TUSHIMYE POLISI YATANZANIYA KUTABERA KUBYAHA NKIBYO