Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vya Mpanda bigiye gufasha ingo kuvyara ku rugero
Ibitaro vya Mpanda bigiye gufasha ingo kuvyara ku rugero
jeudi 12 Nzero 2017
Ubuyobozi bw’ibitaro bikuru vyo ku Mpanda mu ntara ya Bubanza bimenyesha ko bigiye gutangura ibikorwa vyo gufasha ingo ku vyara ku rugero babicishije mu kwugara burundu abagabo bavyipfuza.
Mw’itangazo ryashizweko umukono na muganga Aime Fabrice NIYONKURU arongoye Ibitaro bikuru vyo ku Mpanda,amenyesha ko ivyo bikorwa bizotangura kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma umwaka wa 2017.
Muri iryo tangazo,umuyobozi w’ibitaro amenyesha ko abagabo bavyipfuza bazokwiyandikisha mu gisata kijejwe ivyo gutandukanya imvyaroku bitaro bikuru vyo ku Mpanda iminsi yose y’akazi.
Ibikorwa nyezina vyo kwugara ababisavye bizoba iminsi ya mbere n’iya kabiri ku ndwi ku ndwi.
IGIHE
Messages
13 Nzero 2017, 14:39
Uyu niwo muti batoye wo kurondoka ku rugero? Imana igihe yarema umuntu yamuremanye Ibimukwiye ntihagire ico umuntu acurika. Mumbarize ko uyo muyobozi azokwiherako ngo atange akarorero.
13 Nzero 2017, 17:43, par meri
Nobasaba ko hogir umutegetsi umwe yokwugurura kumugaragaro ico gikogwa agaca agirako atanga nakarorero mukwiyugaza
13 Nzero 2017, 20:32, par NAHIMANA PAUL
JEWE NIBAZAKO UWATARIWOMUTI GUKO ABANA BENSHI BAVUKA KU BIGEME BATUBATSE
16 Nzero 2017, 09:02, par Ntakirutimana AL Joel
Mwabaganga mwe ubwo mwumva mukomeye ?nimwihereko namwe hamwe nabagore banyu!? Nkurunziza ariko arasasika inganda namwe mwadukane ivyo! Imana izobarimbura mwabicanyimwe, ariko ntimwontangaza ubwenge bwanyu niho bugera!? Jewe kugira nzovyemere uzobanza gukurimpuzu ndabe korwawe wayihimbuye. Nahonye nubwo nobona warayihimbuye, sinokwemera kuko murintumwa zawamwansi shetani. Kuberiki mubesha abantu ngo ntibavyare iwanyu muhira muvyara intehekana, yemwe murantangaza kabisa!.