Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibitigiri vy’abarwaye Malariya vyaragabanutse gushika ku bice 60 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > "Ibitigiri vy’abarwaye Malariya vyaragabanutse gushika ku bice 60 (...)

"Ibitigiri vy’abarwaye Malariya vyaragabanutse gushika ku bice 60 kw’ijana"

jeudi 7 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Thadee NDIKUMANA yamenyesheje ko mu kwezi kwa gatatu 2017 amavuriro n’ibitaro yashobora kwakira abantu 252000 baje kwivuza malariya, mu gihe mu kwezi kwa Nyakanga bakira abatarenga 97234 baje kwivuza malariya.

Muganga Thadee NDIKUMANA avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida avuga ko ibitigiri vyagabanutse kubera ibikorwa bitatu vyakozwe n’ubushikiranganji.

Agira ati:’’ Mu ntumbero yo kurwanya ico kiza ca malariya,ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaratunganije isekeza ryo gupima malariya,bwaratanze imiti yo ku rugero rwa mbere ku buntu,bwongera burapompa mu turere tw’ubuvuzi twari tubangamiwe cane,mu nyuma ubushikiranganji bwararwijije abavuzi bafasha mu kuvura malariya.’’

Muganga Thadee NDIKUMANA yavuze ko muri iyo ntumbero imisegetera 6470000 iriko irakwiragizwa mu ntara z’ubuvuzi, mu nyuma ikazoca ishikanwa mu makomine gushika no ku mavuriro.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buhamagarira abanyagihugu gukoresha imisegetera nk’uko bitegekanijwe n’amategeko, bukagabisha abazofatwa bayigurishije ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2017,ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwari bwamenyesheje ko indwara ya Malariya yabaye ikiza mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.