Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibitigiri vy’abasaba ubuhungiro muri Amerika bigiye kugabanuka
Ibitigiri vy’abasaba ubuhungiro muri Amerika bigiye kugabanuka
jeudi 26 Nzero 2017, par
Donald Trump ategekanya gushira igikumu mu minsi iri mbere ku mategeko menshi ajanye n’ikibazo c’abimukira hamwe n’ic’umutekano ku rubibe.
Ayo mategeko ashobora kujamwo ayo "kugosora neza" abantu bava mu bihugu indwi vy’aba islamu vyo mu buseruko bwo hagati hamwe no muri Afrika, ibizotuma hagabanuka igitigiri c’abasaba ubuhungiro.
BBC ivuga ko umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yarungitse kuri uwu wa gatatu ubutumwa ku buryo bwa Twitter, avuga ati : "Hari umunsi mukuru utegekanijwe ejo ku mutekano w’igihugu. Mu vyo tuzovuga harimwo n’uko tuzubaka rwa ruhome!"
- Donald TRUMP, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika
Kwubaka uruhome rurerure cane ku rubibe rwa Mexique biri muvyo Trump yavuga ategekanya gukora, igihe yiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu.
Hari n’ingingo zizosaba ku nguvu ibisagara bisanzwe bikingira impunzi (sanctuary cities) gukorana n’ubutegetsi mu gusubiza mu bihugu vy’amavuko abimukira.
"Sanctuary cities" ni ibibanza bidafata canke ngo bifunge abimukira baba mu gihugu bidaciye mu mategeko.
Mu mpera z’ino ndwi, umukuru w’igihugu Trump ategekanya gutangaza ingingo z’umwihariko zigabanya igitigiri c’abimukira bo mu bihugu indwi vyo muri Afrika no mu buseruko bwo hagati harimwo Syria, Yemen na Iraki.
Ashobora no guhagarika uruhusha rw’ukwemererwa kuba mu gihugu ku mpunzi zimwe zimwe zikabanza kurindira ko igikorwa co kugosora gifata umurindi.
Trita Parsi, wo mw’ishirahamwe ry’abanyamerika bafise amamuko mu gihugu ca Irani "National Iranian American Council" yavuze ati : "Donald Trump ariko arashira mu ngiro amasezerano ateye isoni kandi akumira yemeye igihe co kwiyamamaza. Yasavye ko aba islamu batokwinjira mu gihugu none afashe iya mbere mu kubishira mu ngiro. Bino ntaho bizoshika. Abanyamerika ni beza ntibovyemera."
IGHE
Messages
26 Nzero 2017, 14:08, par ndagijimana phenias
none nkabarundi barimumakambi yatanzania bahaye bahabwa amafom bazobatwara muri americ