Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibura ry’amafaranga y’agaciro ryatumye ibikoresho vy’ishuri bizimba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ibura ry’amafaranga y’agaciro ryatumye ibikoresho vy’ishuri bizimba

Ibura ry’amafaranga y’agaciro ryatumye ibikoresho vy’ishuri bizimba

lundi 28 Myandagaro 2017

Nk’uko babiganiriye ikinyamakuru IGIHE, abo badandaza bavuga ko uno mwaka ibiciro vy’ibikoresho vyaduze ku rugero ruri hejuru, bitumwe n’ibura ry’amafaranga y’agaciro ryibonekeza mu gihugu.

Abadandaza ivyo bikoresho bavuga ko aho barangurira ivyo bikoresho babwirwa ko ibura ry’amafaranga y’agaciro rizotuma babishikana mu gihugu bizimvye, ari naco gituma bishitse bibwirizwa kuzimba.

Ubu ikaye y’impapuro 100 igurwa amafaranga 950 ku mwaka uheze yagurwa 850, iy’impapuro 60 igurwa 800 ku mwaka uheze yagurwa amafaranga 650, iy’impapuro 48 igurwa amafaranga 600 ku mwaka yagurwa 550, iy’impapuro 36 igurwa amafaranga 550 ku mwaka uheze yagurwa 450, n’ayo iy’impapuro 24 ikagurwa 400 ku mwaka uheze yagurwa 300.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.